Arabia Saudite: Umwami Salman wa Arabia Saudite yirukanye uwomusubiriye amusubiriye.

Umwami Salman wa Arabia Saudite yirukanye uwomusubiriye amusubiriza umwana wiwe w’umuhungu Mohammed bin Salman amugira samuragwa wiwe wa mbere.Uwahora ari samuragwa Mohammed bin Nayef yatswe ayo mabanga aca anirukanwa no mu kazi nk’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Mohammed bin Salman w’imyaka 31 azobandanya kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi n’icegera c’umushikiranganji wa mbere.

Izo mpinduka zamenyeshejwe co kimwe n’ayandi mategeko menshi yamenyeshejwe y’umwami.

Ikinyamakuru co muri Arabia Saudite kivuga ko umwami yasavye abanyagihugu kugamburukira uwo samuragwa w’ingoma y’ubwami bwa Arabia Saudite ku musi wa gatatu.