Mu rwego rw’igihugu rujejwe kugenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi (CNC : Conseil National de la Communication) bamenyesha ko bimaze kugaragara ko ibimenyeshamakuru bimwe bimwe bitarashira umukono ku masezerano bifitaniye n’urwo rwego.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Aimé Divine NIYOKWIZIGIRWA, icegera akaba n’umuvugizi w’urwego CNC yibukije ko ishirwako ry’umukono ku masezerano hagati y’ibimenyeshamakuru na CNC ari ntirengangizwa ku bakorera mu Burundi. Abataremeza ayo masezerano bamenyeshejwe ko bashobora gufatwa nk’abakora batubahiriza amategeko abagenga.
« Ibimenyeshamakuru vyigenga n’ibitigenga bitarashirako umukono kuri ayo masezerano, birasabwe kubikora imbere y’igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017. », uko niko umuvugizi wa CNC yashikirije, akagabisha ko abazobirengako bazohanwa hisunzwe amategeko ari mw’itegeko rigenga ibimenyeshamakuru mu Burundi.
Amasezerano hagati y’ibimenyeshamakuru na CNC asaba abakora umwuga w’ukumenyesha amakuru mu Burundi, gushikiriza urwo rwego ibikorwa vyabo, hamwe n’integuro y’ivyo barangura.