Indege y’Uburusiya yaciye hejuru y’imetero zitanu hejuru y’iyisuma urusaku ya Amerika hejuru y’ikiyaga ca Baltique ku musi wa mbere, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Amerika.
Ivyo vyagaragaye ko bitari vyubahirije umutekano kubera umuvuduko munini w’izo ndege ko ari zibiri, nk’uko abo bategetsi babandanya kubivuga.
Ariko Uburusiya bwamiriye kure ivyo bivugwa, buvuga ko iyo ndege ya Amerika yasomborokeje iyo Uburusiya.
Ku musi wa mbere, Uburusiya bwaragabishije Amerika ko indege zabwo zizoca mu kirere ca Syria zizogirwako ibitero.
Iryo tangazo ryari iryo kwishura kw’ikororwa ry’indege ya Syria inyma y’aho igiriye ibitero kubagwanyi bafashwe mu mugongo na Amerika.
Ku musi wa kabiri, igisirikare ca Amerika carakoroye indege itagira umudereva y’igihugu ca Iran mu gihugu ca Syria, bituma vyongereza ukurabana ribi habati ya Amerika na’Uburusiya busanzwe bufashe mu mugongo igihugu ca Syria.
Ako gasomborotso ko ku musi wa mbere kabereye ku birometero 40 uvuye mu karere ka Kalinigrad mu mazi mpuzamakungu yegukira igihugu c’Uburusiya.
Umuvugizi w’igisirikare ca Amerika, Jeff David yabwiye abamenyeshamakuru ko: twari hejuru y’amazi mpuzamakungu ntitwigeze tugira agasomborotso na kamwe.