Abanyepolitike bahuriye mu mwiherero ,mu ntumbero yo kuganira ingene amatora yo mu mwaka wa 2015 yagenze , no kuraba icokorwa mu matora yo mu mwaka wa 2020.Uwo mwiherero w’iminsi ibiri uriko ubera ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza,watunganijwe n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi, wuguruwe n’icegera ca mbere c’umukuru Gaston SINDIMWO.
Uwo mwiherero witabwe n’abarongoye imigambwe,abanyepolitike, n’abigeze kurongora igihugu.