Uburundi bwakiriye ibikorwa vy’inama igira gatanu y’abaserukira ibisata bitandukanye vy’abakora ivyabo hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bo mu bihugu bigize umryango wa Afrika y’ubuseruko, inama yatanguye kuri uwu wa kane mu gisagara ca Bujumbura, ikazomara iminsi ibiri.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, Liberat Mpfumukeko, mw’ijambo yashikirije ry’ukwugurura iyo nama, yamenyesheje ko ari akaryo keza k’ukuvugana ibijanye n’ibikorwa vya Afrika y’ubuseruko, uguhanahana ivyiyumviro hamwe n’ugusangira n’abandi ubumenyi butandukanye bw’abikorera ivyabo mu bihugu bigize iryo shirahamwe. Abitavye iyo nama barabira hamwe kandi ivyokorwa kugira ibihugu biri muri Afrika y’ubuseruko bibandanye kwiteza imbere.
Icivugo c’iyo nama ni » Imyaka 15 ya EAC : Tugenda tugana ishirahamwe ritagira imbibe. »Imigambi iryo shirahamwe ririko rirarangura ikaba igizwe n’ukurabira hamwe ingene ibihugu bigize uwo muryango vyoza birahanahana abakozi, ukworohereza abatozwakori bo muri ivyo bihugu, ugushiraho amategeko amwe mu bijanye n’itangwa ry’amakori mw’isoko rusangi ya Afrika y’ubuseruko, hamwe n’uwiga ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none mw’ihanahanwa ry’ibidandazwa.
Iyo nama yabereye i Bujumbura mu Burundi mu gihe bamwe mu bagize urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bo mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko bandikiye umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe, bamubwira ko batazokwitaba iyo nama, mu kwifadikanya na bagenzi babo b’Abarundi bahunze, kandi badashobora kuza muri iyo nama mu gihugu c’Uburundi.
Igihugu ca Sudani y’epfo giheruka kwemererwa kwinjira mu muryango wa Afrika y’ubuseruko citavye iyo nama, tukabamenyesha ko n’igihugu c’Urwanda cari kimaze iminsi kititaba inama zibera mu Burundi cari caserukiwe.