Amezi n’ayandi araheze abemera isezerano baburiwe irengero

Amezi n’ayandi yarumanye muri iyi Ruheshi 2017, ku munsi ku munsi, atawuzi irengero ry’abagabo b’intwari bemera Isezerano Imana yahaye abarundi. Inzego z’umutekano z’Uburundi zamenyesheje ko atarizo zafashe abo bantu. Pasteur Fidel Nkeshimana, inzego z’iperereza zamusanze aho aba mu ntara ya Rumonge ziramunyuruza n’ubu ntawamenye irengero ryiwe.

Haciye iminsi mike, Israel Hatungimana ari kumwe n’abagenzi biwe bane inzego z’abapolisi zabasanze mu Ruziba aho bariko barivuna akanyota, barabatwara; ijisho ryabaye iryo.

Abo bakaba biyongera ku gitigiri c’abandi isinzi bavundiye mu mabohero atari amwe ari mugihugu c’uburundi bamwe bamwe bobo bakaba atanamadosiye bafise.

Ukuzimanganya ubuzima bw’abantu nkuko n’inzego zari zikwiriye gukingira ubuzima bw’abantu bituma imiryango, abagenzi eka n’ababanyi binubana, bacanamwo bagirizanya ubugambanyi, inzigo y’inzikira, ukwiciranira maze ivyo navyo bigakwega rya horihori ryamaze umuryango.

Mbere iyo imiryango itahavuye ngo ifubane iteka abayo, igumana ikizigizigi yuko boba bakiriho, abandi babonye amafoto y’ibiziga areremba ku nkengera zikiyaga Tanganyika bakibaza yuko boba ari bamwe mu babo maze imiryango igapfana intuntu n’umubabaro.

Abisezerano baragerageje kubaza izo nzego , urwo iperereza n’urwo igipolisi mugabo ntanyishu bahawe. Baranandikiye n’umuhuza Benjamin Mkapa nawe nyene mugabo nta nyishu yanditse baronse.

Abisezerano barasubiriye guhoza imiryango yabuze kandi basaba abasigaye kugendera ibanga, ubwenge no gutungana.