Ikigo Mercer gikora ubushakashatsi ku biciro vy’ubuzima n’ingene abantu babyeho kw’isi cerekanye ko igisagara ca Luanda,umurwa mukuru w’igihugu ca Angola, arico gisagara ubuzima buzimvye kurusha ibindi kw’isi.
Muri ubwo bushakashatsi bwashizwe ahabona kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruheshi 2017, ikigo Mercer cerekanya ko umurwa mukuru w’igihugu ca Angola ari nawo uzimvye kubamwo gusumvya ibindi bisagara vyose biri ku mugabane wa Afrika.
Ubwo bushakashatsi bwerekana ko igisagara ca Hong Kong arico kiza mu kibanza ca kabiri kw’isi mu bisagara bizimvye kubamwo.
Mu bisagara bizimbutse kubamwo, ubwo bushakashatsi bwerekana ko ibisagara vya Cairo,umurwa mukuru wa Misiri hamwe na Tunis umurwa mukuru wa Tunisie, arivyo bizimbutse kubamwo kurusha ibindi.