Arabia Saudite yarugaye urubibebihana na Qatar
Ibihugu bine vy’abarabu vyarungikiye urutonde rw’ibintu 13 igihugu ca Qatar gitegerezwa gukora imbere y’uko bigikurako ibihano.
Ibihugu vya Arabia Saudite, Misri, Emirat Arabes unis na Bahrain bisaba ico gihugu co mu kigobe c’abarabu kwugara iradio Al Jazeera.
Bisaba kandi igihugu ca Qatar kugabanya ubucuti gifitaniye n’igihugu ca Iran hamwe no kwugara ikambi ya gisirikare ya Turkia, kandi vyose bikaba vyakozwe mu misi itarenga 10.
Qatar cari cagerageje kugira isura nziza mu myaka iheze, kirahakana kikarengwa gufasha imigwi y’iterabwoba no guteza umutekano muke.
Irani yarungikiye ibifungurwa igihugu ca Qatar kiri mu bihano
Trump avuga kw’ikumira rya Qatar ari inzira yo kurangiza iterabwoba
Haraheze indwi zirenga zibiri ico gihugu carafatiwe ibihano ruhasha vy’ubutunzi n’imigenderanire, mu ngorane za politike zitari bw’igere ziboneka mu myaka irenga mirongo ibiri.
Urwo rutonde rwasohotse inyuma y’aho umunyamabanga wa reta ya Amerika Rex Tillerson ahamagariye ibihugu bibanyi vya Qatar kuvuga ico vyiza kuri ico gihugu « vyumvikana kandi bishoboka ».
Ayo matati ni yo yambere yadutse akomeye muri ico kigobe c’abarabu mu myaka 20
Ibimenyeshamakuru bivuga ko hari agashavu muri Amerika gatewe n’uko Arabia Saudite n’ivyo bindi bihugu vyafashe umwanya muremure imbere yo kumenyesha ico bisaba.
Nta nyishu yahuse iboneka y’igihugu ca Qatar ariko umushikiranganji w’imigenderanire w’ico gihugu Sheikh Mohammed bin Abdulraman al-Thani yavuze kare ko ata biganiro bazogiriranira hatabanje kuvanwaho ibihano bafatiwe.