Inama nkuru y’umutekano mu Burundi yasavye ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko (East Africa Community) ko ryogira ico rishikirije ku rupfu rwa Sipiriyano NTARYAMIRA yahoze arongoye Uburundi, hamwe na mugenzi we w’Urwanda Juvenal HABYARIMANA bitavye Imana mu gitero cakozwe ku ndege barimwo. Inama nkuru y’umutekano ivuga ko umuco kuri urwo rupfu wofasha mu nzira Uburundi burimwo y’ukumenya ukuri hamwe n’ugusubiza hamwe kw’Abarundi.
Inyuma y’inama y’iminsi ibiri yahuje abagize inama nkuru y’umutekano w’Uburundi barongowe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, itangazo ryasomwe na Général Silas NTIGURIRWA, umunyamabanga ntayegeyezwa mu nama nkuru y’umutekano, risaba ko Abarundi bomenyeshwa ukuri ku rupfu rw’umukuru w’igihugu yari abarongoye gushika kuwa 6 Ndamukiza 1994 aguye i Kanombe mu gihugu c’Urwanda.
Muri iryo tangazo, inama nkuru y’umutekano w’Uburundi iragaruka ku migenderanire itari myiza hagati y’Uburundi n’Urwanda, Uburundi bukamenyesha ko bwamaze gushikiriza ibirego mw’ishirahamwe CIRGL, mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika hamwe n’ishirahamwe ry’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko. Uburundi busaba izo nzego zitatu zo zova mu gacerere kuvyo Uburundi bwagiriza Urwanda.
Inama nkuru y’umutekano isaba ibihugu vyose vyahaye ubuhungiro abantu bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi, ko bobarungika mu Burundi, kugira ubutungane bubacire imanza.
Ku kibazo c’ibiganiro bihuza Abarundi, inama nkuru y’umutekano isaba umuhuza Benjamin William MKAPA ko yokwishikira mu Burundi akibonera ko umutekano wagarautse. Umuhuza MKAPA yasabwe ko ivyo biganiro vyotahukanwa mu Burundi, bikabandaniriza mu murwi w’igihugu ujejwe ibiganiro (CNDI : Commission Nationale de Dialogue Inter burundais(CNDI).
Abagize inama nkuru y’umutekano bamenyesha kandi ko bashima ko imirwi y’abagizi ba nabi yatujijwe kugera ku rugero rw’ibice 80 kw’ijana, bagasaba abajejwe umutekano ko bokwama bagavye.