UE yatanze imiriyoni 85 z’abanyaburaya yo gufasha impunzi 

Ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya ryiyemeje gutanga imfashanyo ingana n’imiriyoni 85 z’amafaranga y’abanyaburaya ku gihugu c’Ubuganda kugira gishobore gufasha impunzi ziri muri ico gihugu ziva mu gihugu ca Sudani y’Epfo.
Imiriyoni 85 z’amafaranga y’abanyaburaya yatanzwe ku gihugu c’Ubuganda kugira gishobore gufasha gufasha impunzi nyinshi zahungiye muri ico gihugu .

Umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antoni Guterres yitavye inama yiga ku kibaz c’impunzi mu karere, yarashimye ibikorwa vyiza igihugu c’Ubuganda hamwe n’abanyagihugu baco bakorera impunzi zasavye ubuhingiro muri co gihugu .

Antoni Guterres yavuze ati : « Abaganda barakira nk’abavukanyi abanyesudani bangana umuriyoni bakabafata nka basaza babo na bashiki babo, ndetse bagasangira n’amatongo yabo n’ivyo bafise vyose. »

Igihugu c’Ubuganda cakiriye impunzi zo muri Sudani y’Epfo zishika umuriyoni 1 zihunga ingwano yatse indaro muri ico gihugu, caronse intahe yo kwikukira mu mwaka wa 2011.