Alain Diomede NZEYIMANA :’’Ikibazo c’umuyagankuba kizoherana n’ukwezi kw’umunani’’ 

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Alain Dimede NZEYIMANA amenyesha ko ikibazo c’ikena ry’umuyagankuba kizoherana n’ukwezi kw’umunani,umwaka wa 2017.
Alain Diomede NZEYIMANA avuga ko haheze iminsi hari imyidogo mu banyagihugu, bavuga ko kubera ikena ry’umuyagankuba hari abadashobora kurangura imirimo yabo neza, na cane cane abakorera mu bisata bikenera umuyagankuba.

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu avuga ko Reta y’Uburundi yiyemeje gukora ibishoboka vyose, kugira ikibazo c’umuyagankuba gitorerwe inyishu vuba cane, gutyo abanyagihugu babandanye gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere.

Alain Diomede NZEYIMANA akamenyesha ko, mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo nyene, hari izindi ngomero z’umuyagankuba ziyongera ku zari zihasanzwe ziriko zirubakwa mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Icegera c’umuvuzi w’umukuru w’igihugu Alain Diomede NZEYIMANA yabishikirije kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2017, mu kiganiro catunganijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, bashikiriza aho Reta ihagaze ku cegeranyo cashikirijwe i Geneve, ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi.