Ntibwatanze igituma bukuye Mukhtar Robow ku rutionde rw’abarondegwa n’ubutungane bwa Amerika.
Gushika ubu Bwana Robow afatwa n’ubushikiranganji bw’ikigega bwa Amerika, nk’umuntu aja mu bikogwa vy’iterabwoba.
Yarigeze kurongora ingabo, araba indongozi igendera ku vyiyumviro vy’idini hamwe n’umuvugizi wa Al Shabab, imbere yuko ava muri uwo mugwi 2013.
Hari amakuru avuga ko Bwana Robow yoba ari mu biganiro na leta ya Somalia ariko nta kintu kivyemeza.