Cibitoke: Umurovyi yari yafashwe n’igisirikare c’Urwanda yashikirijwe igipolisi c’Uburundi

Umurundi yari yafashwe n’igisirikare c’Urwanda kuwa gatatu igenekerezo rya 21 Ruheshi 2017 ku ruzi Ruhwa ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda yashikirijwe igiporisi c’Uburundi mu ntara ya Cibitoke.
NDAYIKENGURUKIYE Jackson asanzwe akora akazi ko kuroba yashikirijwe Uburundi inyuma y’umutaga wo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2017,inyuma y’iminsi ibiri ari mu minwe y’igisirikare c’Urwanda.

Ku rupapuro rwerekana ko NDAYIKENGURUKIYE Jackson ashikirijwe igiporisi c’Uburundi, Reta y’Urwanda yamenyesheje ko yirukanywe ku butaka bw’Urwanda kuko yari ahari adakurikije amategeko.

Amakuru y’irekurwa rya NDAYIKENGURUKIYE Jackson yemejwe kandi n’igiporisi c’Uburundi, umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE abicishije ku rubuga rwa twitter yanditse amenyesha ko ari inkuru nziza ko NDAYIKENGURUKIYE Jackson yari yafashwe n’igisirikare c’Urwanda yashikirijwe Uburundi ku ruzi Ruhwa.

NDAYIKENGURUKIYE Jackson yari yafatiwe ku ruzi Ruhwa n’abasirikare b’Urwanda, mu gatondo ko kuwa gatatu igenekerezo rya 21 Ruheshi, igihe yari agiye gutegura imitego y’ifi.