Isango ubutegetsi bwa Saudi bwatanze ngo abantu bose badafise ivyangombwa babe batashe, rirangira mu minsi mike.
Umushikiranganji ajejwe amakuru (Negeri Lencho) yavuze ko abantu 35000 ku bagera ku gice c’umuliyoni babayo, aribo batashe.
Benshi mu banya Etiyopiya baba muri Arabie Séoudite bafise ubuzi bw’imishahara iri hasi, mu buzi bwo mu nzu n’ubw’ubwubatsi.
Mu 2013 abanya Etiyopiya benshi barishwe mu makimbirane hamwe n’igipolisi ca Saudi cariko gishaka kubatahukana ku nguvu.