Imyiyerekano y’ugushima ivyavuye i Genève 

Imyiyerekano y’ugushima ivyavuye mu nama y’agateka ka zina muntu iheruka kubera i Genève yatunganijwe kuri uwu wa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura. Abari muri iyo myiyerekano, bamenyesheje ko bashimira inama nkuru y’umutekano ya ONU kubona yashikirije ko ishigikiye ibiganiro bihuza Abarundi.
Imbere y’uko iyo nama ibera i Genève itangura, Uburundi bwari bwamenyesheje ko ata ciza bwiteze kizova muri iyo nama mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu.

Kubwa Reta, abadashigikiye inzego zitwara Uburundi bahisemwo kwinyegeza inyuma y’Inama Mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu, kubera ivyo bagiriza Uburundi mu bijanye n’agateka ka zina muntu bitagira ifatiro kandi bitagira ishingiro.

Reta y’Uburundi isaba inama mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu guhindura ingendo mu gukora ivyegeranyo ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi, kuko ivyegeranyo bisohoka ku Burundi biba vyakozwe badafatiye ku nkuru z’imvaho.