Ruyigi: Umuntu yagirizwa kuba mu mugwi w’abibisha inkoho yafashwe.

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko cafashe kuri uwu w’Imana umuntu agira kabiri yagirizwa ubugizi bwa nabi hamwe n’ubusuma bwakorerwa kw’ibarabara Ruyigi-Cankuzo. Uwo muntu yafatiwe muri komine Butaganzwa.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko uwo murwi w’abagizi ba nabi ugizwe n’abantu batatu bibisha inkoho hamwe n’imipanga.

Abo bagirizwa ubwo bugizi bwa nabi bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ruyigi bagirizwa ubusuma, nk’uko bishikirizwa na Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.