Theo Martins Jackson (ibubamfu) na Willem Oosthuizen (i buryo) babwiye Mlotshwa ko bamuturira ari muzimaImage caption
Theo Martins Jackson (ibubamfu) na Willem Oosthuizen (i buryo) babwiye Mlotshwa ko bamuturira ari muzima
Sentare muri Afrika y’epfo yagirije abazungu babiri b’abarimyi icagaha co guhohotera umugabo w’umwirabura, mu kumushira mw’isandugu y’abapfuye.
Bamushize mw’iyo sandugu bamutera ubwoba mu kumubwira ko baza kumushirako peterori bamuturire ari muzima.
Igihe Victor Mlotshwa yihagararako, bivugwa ko abo barimyi bamubwiye ko bagire bashire inzoka mw’iyo sandugu yarimwo.
Victor Mlotshwa ngo yari yavogereye itongo ry’abarimyi babiri b’abazungu, bashaka kumuha icigwa
Bafashwe mu kwa cumi na rimwe guheruka nyuma y’aho habonekeye video yerekana ivyo bagirizwa, yashizwe kuri internet.
Bavuga ko bwana Mlotshwa yari yavogereye itongo ryabo ngo akaba yari akwiye guhabwa icigwa.