Bene Data namwe barundi mwese Imana Uhoraho yatoranije ikabagira ihanga ryayo, turabaramukije amahoro tuti : Shalom.
Twagomba kubatumirira ayo masengesho y’inkomezi tuzokora kuri uyu wa gatatu 28/06/2017
ISHIMIKIRO:
Kuba maso kuko ibi ari ibihe bigoye. « Hari abafise ishusho yo kwubaha Imana mugabo bagahakana ubushobozi bwayo. »
IMIRONGO YO GUSOMA: 2Timoteyo 3:1-9
IVYO MPWEMU YERA AHISHURIRA ABO IHANGA:
« Abari mu nkinga mwese musohoke » umwe wese asome n’ijwi rirenga Yoweli 3:9-17.
INYIGISHO: Imbono yawe ihagaze hehe? Soma (Guharura 14:1-10)
1. Hariho ababona ukutariko ivyo bariko baracishwamo (circonstances)
-bafise ubwoba aho kwizera.
– bumviriza amajwi yawamurwanizi.
-bizera ibintazi aho kwizera Imana.
2. Hariho abatabona canke bakabona ukutariko ubushobozi bw’Imana.
-bafise ugukekeranya aho kugira ukwizigira Imana yacu.
-bafise amakenga ku mugambi w’Imana.
-bafise utubazo kuri kamere y’Imana.
3. Dukeneye yuko mwese muhaguruka mukagira impwemu idasanzwe » un esprit different » (Yesaya 26:1-4)
IMITWARO YO GUSENGERA:
1. Gusenga abantu babane mu rukundo mubudasabwabo
2. Gusengera Uburundi bushasha bw’isezerano.
3. Gusengera abariko barenganywa muburyo bwose
4. Gusengera idyane ziri mumashengero no hagati y’aba kristo.
5. Gusengera abafise inzara n’inyota , bugarijwe n’ubukene buri mugihugu no hanze yaco.
6. Gusengera abari mumabohero atandukanye ari mugihugu c’Uburundi no mubindi bihugu.
7. Gusengera abari mu bitaro cokimwe n’abagwariye muhira mumihana itandukanye.
8. Gusengera I mpfuvyi n’abapfakazi, abana bo mwibarabara hamwe n’ababuze ababo.
9. Gusengera ab’isezerano bari mu ngedo z’ibikorwa bitandukanye.
10. Gusengera abafashe intumbero yo guhora bari imbere y’Imana basenga.
III. IVYO GUSHIKIRIZA UBURONGOZI
1. Ivyo Mpwemu w’Imana azoba yahishuye mumasengesho.
2. Abo mwashoboye kugendera n’agashishiro mwabashiriye.
3. Abo mwashoboye kuremesha muvyo Impwemu no kubigisha umugambi w’Imana ku Burundi.
**Bibwigwa benshi bikumva benevyo**
Ni dusangwe Imana-Uburundi-Isezerano.
Bigiriwe I Bujumbura kuwa 26/06/2017
abisezerano @gmail.com
PS: musabwe kurungikira abagezi banyu uyu mutumiro w’amasengesho.
Imana ibahezagir yonger ibazigam iz ibashits kuvyo mwizey kuva kera!
J’aimeJ’aime
Amen
J’aimeJ’aime