Abarongoye umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA muri komine Mpanda,intara ya Bubanza bamenyesha ko Abanywanyi batanu bamaze guta izabo,kubera ubwoba bwo guhagarikwa no gupfungwa.
Amakuru ava mu barongozi b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA bavuga ko abanywanyi babo bahohoterwa iyo babasavye kwinjira mu mugambwe CNDD-FDD ariko bakavyanka.
Abo barongoye umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA bamenyesha ko n’abanywanyi babo basigaye mu mihana baguma binyegeje, kubera gutinya kugirirwa nabi na bamwe mu bari mu rwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD.
Abatarata ingo zabo basaba abajejwe intwaro n’umutekano gukora ibishoboka vyose kugira ibikorwa vy’iterabwoba no gutoteza abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA bihagarare.
Mu gipolisi muri komine Mpanda basaba abataye ingo zabo kugaruka mu mihana yabo,kuko ata kandi kazi bafise atari gucunga umutekana w’abanyagihugu.