Umuporisi umwe yarishwe n’abantu bataramenyekana bamusanze ku kirindiro aho yakorera ku murwa mukuru wa komine Musigati,iri mu ntara ya Bubanza, mw’ijoro ryo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 26 Ruheshi 2017.Uwo muporisi yitavye Imana azwi kw’izina rya Cyprien NGENDAKURIYO yari asanzwe akorera ku kirindiro kiri kuri poste iri ku murwa mukuru wa Komine Musigati.
Amakuru ava i Musigati amenyesha ko Cyprien NGENDAKURIYO yishwe n’abantu batanu hakoreshejwe umupanga bari bitwaje ,imbere y’uko bamutwara inkoho, mu gihe yari acunze umutekano.
Umuvugizi w’igipolisi Pierre NKURIKIYE yemeje ayo makuru, aho yavuze ko abantu bataramenyekana bishe umuporisi APC NGENDAKURIYO Cyprien yakorera kuri posita ibika amafaranga iri kuri komine Musigati babanje kumukerera .
Yavuze ati :« Nk’igihe c’ isaha indwi z’ijoro niho kuri posita izi babikamwo amafaranga yo kuri komine Musigati iri mu ntara ya Bubanza inkozi z’ikibi zagandagura umuporisi asanzwe akorera kuri iyo posita,bamugandaguye bamukereye bongera baca bamwiba inkoho yari afise. »
Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi avuga ko atari inkoho y’uwo muporisi yibwe, kuri posita ata kintu na kimwe cibwe , ariko ko ayandi makuru azomenyekana inyuma y’amatohoza azokorwa kuri urwo rupfu.
Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko abantu batatu bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza, muri abo bafashwe harimwo abanyezamu babiri.