Reta ya Amerika yagabishije Abanyagihugu bayo baba mu Burundi bo bokwirinda ingendo mu bice bimwe bimwe vy’igihugu c’Uburundi kubera umutekano utifashe neza.
Nk’uko biri mu rwandiko rwasohowe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, Reta ya Amerika yamenyesheje ko umutekano w’Uburundi utifashe neza kubera hoba hari imirwi y’abarwanyi hamwe n’abahoze ku rugamba bavuye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kugira baze guhungabanya umutekano mu Burundi.
Abanyamerika baba mu Burundi basabwe kudafata ingendo mw’ijoro, hamwe n’ukwirinda kugendagenda mu gisagara ca Bujumbura mw’ijoro. Abanyamerika baba mu Burundi babwiwe kandi amakaritiye yo mu gisagara ca Bujumbura bokwirinda gutemberamwo. Ayo nayo ni Musaga, Cibitoke, Mutakura, Kinama, Ngagara, Kamenge, Gasenyi.
Kubw’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, abanyamerika baba mu Burundi ntibokwizera umutekano usa n’uwuhari ubu, kuko bishobora guhinduka.
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko ibiharuro bihari ubu vyerekana ko umutekano wifashe neza, kiretse ubugizi bwa nabi bwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura, bugizwe n’ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho, gerenade ziterwa hamwe n’abantu bagandagurwa.