Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu Pascal BARANDAGIYE yabonanye n’abarongoye imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi,kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017.
Intumbero y’iyo nama ni guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ingene ibintu vyifashe mu gihugu mu bijanye n’imibano n’intwaro.
Uwo mubonano ubaye inyuma y’umwiherero wabereye mu Kayanza, wahuje abanyapolitike, watunganijwe n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi,kuva kw’igenekerezo rya 22 gushika kurya 23 Ruheshi 2017.
Iyo nama yitabwe kandi n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, hamwe n’uwurongoye ihuriro ry’imigambwe FDP.