Ubuhanuzi, imburi, ubuvugishwa ku gihugu c’uburundi, urwanda na Congo: mwitegurire umuvyuro udasanzwe.

ABANSENGERA, MUTUMA NGOBERWA GUTANGA I VYANDIKWA, KUKO BIZOBERA AKARORERO KEZA ABANTU BENSHI I NYUMA Y’ I NTAMBARA MU MUVYURO W’ U BUTUMWA BWIZA.Uhoraho arabwira abantu batahure inyigisho zukuri zijanye n’ i jambo benshi bavuga nabi, bakoresha nabi, basigura nabi ariryo ryiri: turi mu bihe vy’ i herezo, Yesu Kristo agira agaruke, i bibi bihaye bikorwa ku bwinshi abantu nabo bati: nivy’ i gihe c’ i herezo, vyaravuzwe ntawushobora guhindura na kimwe, ni vyanditswe bishitswa, n’ i misi ya nyuma ntaco wokora.

Anselme, Nyawita, Yaragwira.

Democratie ariyo demokarasi murisomye mwumva imvugo irimwo ari iyihe, mbega ntabwo ari imvugo ikomoka mw’ i jambo rya demon ariyo dayimoni, habamwo u kwisanzura, u bwigenge, u burenganzira, bwo kubaho uko umuntu yifuza, kamere nayo ikuhirako, umuntu agakora, akavuga, akambara, akabaho uko we u bwiwe abona ashaka kandi akipfuza yuko n’ Imana ibe ariko i mwemera, bivuye vyose muri demokarasi,; Demokarasi rizwi cane mu vy’ i ntwaro za poritike z’ i si ariko, satani niwe yaritanguje, inyuma yaho isi ivuye mu butware bw’ u mwijima bwa babuloni ariyo gatorika ariyo roma, antikristo akorera mu kinyegero ariho hadutse iryo jambo, aricogituma amadini menshi cane gose, agira izina yitwa akagira n’ u witwa, u wurirongoye ariwe aba aritanguje, akaba amenyekana kw’ i zina ry’ u mukozi w’ Imana { Pasteur}, ariko nkuko demokarasi yinjiye muvy’ i ntwaro za poritike z’ i si, nuko satani yafashe amashengero atandukanye, ayinjiza muri uyo mwanya wo kuba aba { democrates} kuba muri demokarasi, mu bwigenge, u burenganzira, aricogituma nuy’ u musi amadini akomeza kugururwa, nuko tukiri mu gihe caho antikristo agikorera mu kinyegero kandi u buzimire ari bwinshi cane gose mu bantu, kurusha u bwigeze kuhaba mu binjana vy’ i myaka ihaciye, kuko ama reta y’ i si, amadini yose ya yashize ku murongo umwe, ariwo demokarasi, ni cogituma babuloni mutumva, ngo bishe abantu babaciye imitwe, mutumva ngo babuloni baturiye abantu, mubona babuloni bashingira intahe Yezu kristo mw’ i banga ryo gukoresha Yesu Kristo batemera, kandi barakomeje u bubi bwabo kandi bubi gose kurusha ubwo bakoreye i miliyoni mirongo itanu za banyaburaya mu muvyuro wa kabiri wa turutse i buraya, kubera vyakorerwa ku mugaragaro, ariko mu nyuma bakoresha inzira yo mw’ i banga, ariyo kugeza uyu musi bakigenderako ariyo demokarasi, aricogituma bifuza gushinga u musi witirwe i sabato, ub’ u musi windwi, kuko demokarasi ya rashishikajwe kurugero rutinyitse mu bari baravuye mu buzimire bwa babuloni. Demokarasi mu vya mashengero yifashe gute: I ntumwa aribo abigishwa ba Yesu Kristo, bamwe muri bo baragize ibihari bashaka kumenya umukuru muribo uwariwe, niho Yesu ya bishura agize ati: u shaka kuba mukuru muri mwebwe { muvy’ i juru} nabe ariwe akorera abandi, bisigura yuko; ya bigishije ko, we niwe Mana i bintu vyose vyaremwe nawe, none kuba ariwe yatanga u burorero bwo koza ibirenge, gukorera abantu, kandi ariwe Mwami wa Bami, abantu twese dufise ingabire za Mpwemu yera twahawe, tuzikoreshe kurutonde rwiza, umwe wese ashire mugenzi wiwe imbere, ntihabeho umwe muri twe akoresha Impano yiwe mu kugirwa u mukuru kuruta abandi, akubahwa ariko we ntiyubahe abandi, kubera Impano zose zitangwa n’Imana, u ririmba, u vuga ubutumwa, ujejwe guha ikaze abantu, u sukura aho abantu bumvira ijambo ry’ Imana, bose bakorera Imana, : bu bahane kandi bashirane hejuru, ntihagire u witwa ku gatwe kiwe, yuko ariwe mukuru wi torero, ahubwo Yesu Kristo abe ariwe aba umukuru wabo, ivyo birwanya demokarasi, hakabaho, abitwa abakozi b’Imana bashaka kubahwa gufatwa nk’ a bategetsi mu bintu atari ivyabo ar’ ivy’ Imana, u ririmba akunamira uwitwa umuvugabutumwa, u kubura mwisengero akubaha uwitwa umukozi w’Imana, ariko uyo yitwa umukozi w’Imana ntiyubahe abo bandi, kuko aba ariwe yigize ko ari Yesu Kristo ariko, i mpwemu iba i mutera kwibona kwar’ u kwiye kubahwa s’ iiva k’ U mana, ahubwo, iba iva kwa satani nawe satani akaba afise uwo ya shizeho nki kimenyetso ca demokarasi mu vy’ a gakiza ariwe aserukira babuloni gatorika ariyo roma kw’ i zina yitwa papa, umuntu nkuyo nta kubaha i ngingo zindi zigize u mubiri afise, kubera u mubiri ari umwe ariko u kagira ingingo zitandukanye, birtyo; i zuru ntiryobwira u munwa riti; Munwa sindagukeneye, kandi U munwa ntiwobwira i zuru uti; Zuru sindagukeneye, ariko vyose bikorera hamwe kugira bikwize u mubiri ukwiye, gurtyo; muri mwe ntihabeho, u wiyita kwaruta mugenzi wiwe, maze ashake yuko mugenzi wiwe abe ariwe amwubaha, we yubahwa vyonyene, nta zina ry’ i shengero riba rikenewe, ahubwo mwese muhuzwa na Mpwemu yera, mugakorera mu Mpano za Mpwemu mufise, mwubahana, kandi rikitwa i koraniro ariko ntiryitwe i zina runaka ry’ i shengero , kandi nubwo ryo gira izina ryiswe, ntiritere benshi kugeragezwa mu kuryisunga ko ariryo ryonyene rikora i vyukuri, kubera rizoba riteza satani ku bazanamwo ya demokarasi, havemwo bamwe bataryumva kumwe, baje gushingisha nabo rwabo, nabo barondere irindi zina bita uko baba bahurije hamwe u kwizera n’ u gusobanukirwa ivy’ Imana kwabo, ariko mube aba Kristo Yesu, nti mube abakristo, kugira mu korere hamwe mugabure i bintu hamwe, mufashirize hamwe abantu, na bandi batazi Imana baronke uko bayimenya neza, kandi bashimishwe n’ u bumwe, imirimo, u kubahana, gukorera umwe wese mu mwanya ahawe akoresha impano afise, kugira mwese mwuzuze u mubiri umwe, niko muba murwanya satani kubateza demokarasi, amashengero indwi avurwa mu vyahishuriwe yohana, mbega mwibaza yuko, ari ayari ameze ate, bakora bate, yari ahantu hamwe canke ahantu hatandukanye, ku buryo yasuzuguwe yoba yari akora ate.

Turi mu bihe vy’ i herezo, Ntagisigaye nuko Yesu agaruka kujana abamwiteze= Isezerano rya kera rya vuga ibijanye n’ u kuza kwa Mesiya, ntiryavuga i bihe vy’ i herezo, Kuva Mesiya avutse kugeza umusi azogarukira, Isezerano rishasha rivuga ibijanye n’ ukugaruka kwa Mesiya ariryo herezo canke ibihe vyiherezo, demokarasi yaje mu myaka yi nyuma aho isi ivuye mu bihe bibi vy’ u butware bw’ u mwijima, kandi harakoretse i bitangaza bikomeye, vyateye benshi kwitegura yuko Yesu Kristo agira aseruke mu bicu, abandi nabo bati; Yesu agira asanganirwe na bamwizeye,; Ariko siko vyagenze Yesu ntiyamanutse gutora ishengero, Yesu ntiyaserutse mu bicu, guhera iyo myaka abantu bazwamwo ishavu, u kwihebura, u kubona yuko bahenzwe, satani aboneraho gutanguza demokarasi mu bantu, hatangura kuboneka abantu batanguza amashengero afise amazina nubu akiyobokwa n’ a bantu benshi, kandi bose bayashingisha bisunga uko baba basobanukiwe ijambo ry’ Imana, abandi bakaza bayovya abantu mu kw’ i sunga ijambo ry’ Imana ariko, bakagira insiguro zi zimiza abantu, kubera bihebuye kuba bari biteze yuko Yesu agaruka, baca bafatwa nizo nyigisho gurtyo insengero zikomotse muri rya bura ry’ i garuka rya Yesu Kristo zikagwizwa na bazinjiramwo benshi. Mu bihe vya mbere koko barakizwa ariko uko vyagwira niko nu kuyoba kwa rwira, kugeza nuyu musi amashengero ya demokarasi arwiriye ku bwinshi, abantu ba bwirwa u butumwa bagahabwa ni bimenyetso nk’ i vyabo hambere vya bateye kwihana nabi, bihana kubw’ u bwoba baterwa na ba bigisha ko ata gisigaye uretse Yesu Kristo kugaruka, ariko bitevye, kubera bigishijwe i vya kanya gato, ntibateba kurwa no gusubira muri babuloni yari ya tanguje i nzira nshasha yo mu kinyegero ariyo demokarasi, gurtyo; bikomeza uko, u buraya burinjirwa na satani basubira i nyuma, haduka amashengero y’ i vyabona vya jehova bo batemera ijuru numuriro udahera ko bibaho ariko bizera yuko isi izohindurwa ikaba paradizo abantu bakazobaho hano kwisi izoba ya gizwe nshasha, ivyo vyose vyari biturutse ku bakorana na babuloni, bashingisha izo nsengero bakaba aribo bazikurira kuko, aribo baba bazitanguje za demokarasi, gurtyo u rutonde rwukuri rugenda ruvanwaho gurtyo na bugingo, haza amashengero ya anglicane bo ntaho batandukaniye na babuloni ahubwo bari nk’ inzoka yitwa ikirira habiri, bibiliya yera ivuga akazuyazi, ntibakonje kandi ntibashushe, bakorera hose bari abadashaka kugira aho bahagaze, Pantekote yo ikomeza yemeza icese ko babuloni itayoboka Imana umuremyi wa vyose na bose kandi ko umuntu azi Imana ari uwu yoborwa na Mpwemu yera ariko kugeza ubu kubera bagumye mu mwanya wa demokarasi ya tanguye ico gihe nta Mpwemu yera nabo bakicemera, Adventiste church irashingwa yo ikomeza yemeza icese ko babuloni ariyo ivugwa na Daniyeli be na yohana w’ i vyahishuwe ko umusi basengerako aruwashinzwe n’ u muntu, ba bandanya bakorera muri Mpwemu yera ariko u musi ukaba u tandukanye nuwo Pantekote yasengerako be nayo yandi mashengero, biyisaba kw’ i vangura nayo yandi mashengero yari yi yonkoye kuri babuloni ariyo gatorika ariyo roma, bo bagendera uko batahujwe bibiliya yera isigura ku bijanye n’ i sabato yukuri, kandi na Mpwemu yera niho bamutereye kubera Pantekote yashingira canecane ku kurongorwa na Mpwemu yera nabo bagashingira canecane ku kuziririza isabato, kubera ya demokarasi yari ya tangujwe na babuloni mu kinyegero ntabwo ingaruka mbi za madini akomeje yu gururwa bugingo nubu zo batera u bwoba mumaze gusobanukirwa iyo vyahereye. Haraza amadini afise amazina menshi cane gose, na nuyu musi, birenze u rugero, ariko uretse i dini rya adventiste church risenga ku musi wa gatandatu, ayandi yose muri ya demokarasi aracasengera ku musi umwe uhurizwako na babuloni ku musi nayo iba isenga imana yabo yi zuba, ni cogituma caba i gisirikare ca babuloni arico kizwi kw’ i zina rya { Scoutt canke sikuti} ki kicigishwa i vya gisirikare mu nzira zi fatwa nk’ izi sanzwe, kubera demokarasi ya fashe ama shengero menshi,: Niyo haba u muvyuro wu butumwa u gasaba abantu kw’ i yonkora kandi kuri babuloni be no kureka guhuriza ku musi umwe wo gusengerako Imana, niho benshi bazotahura neza babuloni abaribo, abasirikare bayo aribo aba { Scoutt canke sikuti} abaribo, kuko hari aba bijamwo ba bifata kwari i bisanzwe batazi insiguro yu kubaho kwizo nyigisho, ariko kubera bayovye hageze, bazokoreshwa nk’ i bikoko bikoreshwa ata bwenge bigira, nabo bazoshirwamwo i myuka mibi ya badayimoni, aribo bazofasha babuloni kwica uyo wese azoba avuye mu mategeko yashizweho nabo, harimwo u gusangira u musi wo gusenga be no kubahinyura yuko ariryo shengero rivurwa na bibiliya yera yuko ariho satani akorera. Demokarasi i gejeje kure abantu, muri ya nzira nyene, u buho hari ni bitari bimenyerewe bitera benshi kw’ i ha inyishu na Yesu Kristo atigeze atanga, arivyo vyateye abantu benshi kutemera ivyo bo u bwabo bari barakuze babwirwa bijanye n’ u muvyuro wa nyuma uzoba kugira abantu babwirwe neza u butumwa bashingirwe intahe ku rugero rwaho u zoba asigajwe n’ i caha cose kirya, ntaze yitwaze yuko we atari yizera Imana be nuko satani numuriro utazima bitabaho, ahubwo azoba ashingiwe intahe kugira akurwe mu murwi wa gatatu agasabwa gutora u murwi umwe mu mirwi i biri izwi; u murwi wa mbere abakora ineza barondera ijuru, u murwi wa kabiri abakora i nabi bazoja mu muriro,; we akaba yishira hagati agakora ivyo yiyumvamwo mu kwishigikira yuko atizera Imana, ariwo wuyo mu vyuro wa gatatu wazananye u rutonde rushasha ruzwi ubu kwari Isirayeli ya kabiri.

Bisabwa yuko abantu babaho nk’ abari mw’ i juru, ati gute: U muntu aba munzu yubatse, imbere yuko ayubaka ayigirira urutonde rwukungene azoyubaka, maze muri we hakamubamwo ya nzu yipfuza kubaka, maze aja kubaka ya nzu i murimwo= Nimba Yesu Kristo yoza ni vyiza yuko atagusanga witeguye vyonyene, ahubwo agusange uri ku murimo wagenewe gukora, ntumere nka wa mushumba mubi, asigaranwe abagaburira ku gihe, maze se buja atebaganye kuza ajako abafata nabi abo yasigiwe kugaburira kubera se buja yatevye kugaruka,; i vyaha vyibonekeza bitera benshi kwemeza ko Yesu agira agaruke no kubwira abantu u butumwa nabi mu nzira zo kubatera u bwoba, abafise imitima yoroshe bakihanira ku bwoba ariko atari ku gutahukirwa gushemeye Imana yipfuriza abantu, hariho: u busambanyi, u bwicanyi, u kubesha, kwambara nabi, abahuza i bitsina ba bisangiye, abahanuzi bibinyoma bazimiza abantu= Yesu yishuye abigishwa biwe yuko ; ivyo bizoba ariko impera izoba itarashika, ati : kuko u butumwa bwiza bw’ u bwami bw’ i juru buzovugwa mu mfuruka zine zisi, ngo bubere i kimenyetso amahanga maze impera izoca iza,; : Abantu boye kwisunga ivyo ba bonesha amaso bi bababaje, biteye agahinda abe arivyo bisunga mu kubwira abantu u butumwa nabi ba batera u bwoba yuko Yesu agira aze, abantu bakizerana u bwoba, maze uko imisi irushiriza ariko nivyo vyaha birushiriza kurwira, ariko Yesu ntaze, bamwe ba bwirwa kwihana ku bwoba, bakaruha ni ngoga kuko ntabwo ba bifisemwo umushinge ntarufatiro rwiza rubarimwo eka bari inzoya mu vy’ agakiza, na bakenewe kwigishwa u kubaho nkabari mw’ i juru, nka bari mw’ i juru kwa gute : U bayeho nkuri mw’ i juru bisigura yuko umuntu umubwira ibikenewe kumufasha, Yesu aza kuri wewe ni Amina, urupfu rugutwara kuri wewe ni Amina, ukiri muzima kuri wewe ni Amina u bandanya ubwira abantu ico wahamagariwe mwituze, ataco uhutisha kugira uwo uhaye ufasha nawe umwigishe ibintu bifatika kandi anyugwa kandi bimumaza igihe, nawe akazobibwira abandi, kubera umusi canke isaha si vyacu kumenya,; hari ibiba kugira vyemeze abatizera bibiliya yera kw’ ar’ i jambo ry’ Imana kandi, bibiliya yera ivuga iti: Tubaye kwisi ariko nti turi ab’ i si , ngo ni cogituma ab’ i si batatuzi,; umaze kuba wemera iryo jambo ariko ukaba wigisha abantu inyigisho za gurtyo, iryo jambo niryo rizogucira urubanza, kubera kuva na Yesu ataravuka buri runganwe ivyaha nkivyo vyarakorwa, kandi ni kugira buri runganwe ruze rubazwe ivyo rutazokwitwaza yuko , Imana ya gize akarenganyo kurekurira i vyaruteye kutaronka amahirwe yo kuronka ijuru kubera, urunganwe rundi rwo Imana ya rurekuriye mu bigeragezo bito, ariho Yesu Kristo ya babwiye i jambo rivuga riti: Nkuko vyari mu gihe ca nowa, niko bizoba no mu kugaruka k’ U mwana w’ U muntu, Bararya, baranywa, bararongora, barashingira, = ivya baye kera nivyo nu bundi isubizamwo, uretse yuko buri runganwe bizanwa na satani muri modere nshasha ariko amazina yi bikorwa aguma ari ya yandi nyene, kubwivyo rero, Wewe muntu wahawe ingabire yo kubwira abantu bifate neza mu nyambaro, ntuze urushwe nuko u kwambara u busa birwira umusi ku musi, kubera uwo murimo uvuyeho wo vuga yuko wabuze umurimo ukorera Imana, U fise ingabire yo kubakira abagowe aboro ibimuga inzu, kubavomera amazi, kubamesera impuzu, ntuze urushwe nuko ba bandanya kurwira ku bwinshi batageruka, kubera uwo murimo uvuyeho wo vuga yuko wabuze umurimo ukorera Imana, U fise ingabire yo gusengera abafise i bibazo bitandukanye, u fise ingabire yo kwihanikiza abagenda nabi nabi, abavuga nabi, abatukana, abishima, abidibamiye, abasamara, abatitwararika ibikenewe, ntuze urushwe nuko u bona birwira u musi ku musi, kubera uwo murimo uvuyeho wo vuga yuko wabuze umurimo ukorera Imana.

Amahoro. Shalom