Intatemwa nshasha y’amabwirizwa 10 y’Imana yasenyuwe mu ntara ya Arkansas muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umwe mu bashigikiye iyo ntatemwa yavuze ko yagize akamaro mu gutunganya amategeko
Intatemwa nshasha y’amabwirizwa 10 y’Imana yasenyuwe mu ntara ya Arkansas muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, haheze amasaha 24 ishikirijwe ku mugaragaro.

Iyo ntatemwa ikozwe mw’ibuye rya « granite » y’imetero 1.8, yubatswe ku kibuga c’ingoro y’inama nshingamateka.

Uwikekwa kuri ubwo bugizi bwa nabi ngo yoba yagonze iyo ntatemwa n’imodoka ku munsi wa gatatu, ariko arafata amasanamu na telefone ngendanwa yiwe, ayashira kuri Facebook.

Michael Tate Reed yagirizwa kuba yononye ikintu gifitiye akamaro abanyagihugu.

Yagirijwe ububisha bwo ku rugero rwa mbere.

Amasanamu ya « video » yacishijwe kuri Facebook ku rubuga rwa Michael Reed, yerekana umushoferi yatumbereje amatara y’imodoka kuri iyo ntatemwa avugira hejuru ati « Freedom! » (umwidegemvyo) ayitumbera.