Urwo rugendo rufise ikimenyetso gikomeye, urwa mbere kuva Xi ashikiriye ubutegetsi mu 2012, rubaye mu gihe hari ukutavuga rumwe muri politike.
Hari ibirori biteguye co kimwe n’imyiyerekano y’abashigikiye demokrasi hamwe n’abashigikiye ubutegetsi bw’Ubushinwa.
Abaharanira agateka ka zina muntu benshi bazwi cane bahagaritswe imbere y’uko prezida Xi ashika.
Ubushinwa bwagabishije ku « bwigenge » bwa Hong Kong
Imyiyerekano muri Hong Kong
Umugwi, urimwo n’uwurongoye abanyeshure Joshua Wong, warateguye imyiyerekano mu kibanza kirimwo ikimenyetso co guhanahana ubutegetsi.
Ico gishusho c’inzahabu c’ishurwe rya bauhinia- ikimenyetso c’intara ya Hong Kong- ni akaganuke katanzwe n’Ubushinwa.
Amwe mu mabarabara amanitseko amabendera y’Ubushinwa n’aya Hong Kong mu kwitegurira ivyo birori
Prezida Xi yashitse mu rugendo rw’imisi itatu ari kumwe n’umupfasoni wiwe Peng Liyuan ku kibuga ca Chek Lap Kok. Bakiriwe n’indirimbo hamwe n’abana bazungagiza amabendera.
Mw’ijambo rigufi ku kibuga c’indege, yavuze ko Hong Kong yamwe « iri mu mutima wiwe ».