Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asaba ko amajambo ashikirizwa Abarundi yovugwa mu rurimi rw’ikirundi, kugira bose batahure ibishikirijwe.

Uwo atwara Uburundi agira ati : « Twabonye ko ari vyiza guhera kino gihe, amajambo ashikirizwa abarundi yoza ashikirizwa mu kirundi. »

Mw’ishirahamwe UBUKI -NDANGAKARANGA ryitaho iterambere ry’ururimi rw’ikirundi bamenyesha ko bakiriye neza ivyo vyasabwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kuko amajambo menshi yahora ashikirizwa Abarundi mu gifaransa kandi atari bose bazi urwo rurimi, kenshi mbere ugasanga ntibumvise n’ubutumwa bashikirijwe.

Nicodeme HABIYAMBERE aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe UBUKI -NDANGAKARANGA (Umutima ku Burundi n’Ikirundi Ndangakaranga) asaba abajejwe intwaro ko boshira mu ngiro ivyo vyasabwe n’umukuru w’igihugu, kuko hari n’ingingo za Reta bishika zigashirwa mu ngiro ku rugero rudashimishije, kuko ababa bazishikirijwe baba batazitahuye.

Nicodeme HABIYAMBERE agira ati : « Abajejwe intwaro nibamenyere gushikiriza Abarundi amajambo ari mu ririmi rw’ikirundi bose batahura. Niho n’imigambi ya Reta izokworoha kuja mu ngiro, kuko bazoyitahura bose. »

Mu gihe yari kuri uwu wa gatatu mu birori vy’ugutanguza ihwaniro ridasanzwe ry’uguhimbaza imyaka cumi Uburundi bumaze buri mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA niho yasaba ko amajambo ashikirizwa Abarundi akwiye kuvugwa mu rurimi rw’ikirundi. Ijambo yashikirije nawe nyene rikaba ryari mu rurimi rw’ikirundi. Muri iryo jambo yagize : « Nshimye gutanguza kino gikorwa mu rurimi rw’ikirundi kugira ngo Abarundi bamenye akamaro ko kwinjira mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. »

Mw’ishirahamwe UBUKI -NDANGAKARANGA ryitaho iterambere ry’ururimi rw’ikirundi bamenyesha ko bakiriye neza ivyo vyasabwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kuko amajambo menshi yahora ashikirizwa Abarundi mu gifaransa kandi atari bose bazi urwo rurimi, kenshi mbere ugasanga ntibumvise n’ubutumwa bashikirijwe.

Nicodeme HABIYAMBERE aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe UBUKI -NDANGAKARANGA (Umutima ku Burundi n’Ikirundi Ndangakaranga) asaba abajejwe intwaro ko boshira mu ngiro ivyo vyasabwe n’umukuru w’igihugu, kuko hari n’ingingo za Reta bishika zigashirwa mu ngiro ku rugero rudashimishije, kuko ababa bazishikirijwe baba batazitahuye.

Nicodeme HABIYAMBERE agira ati : « Abajejwe intwaro nibamenyere gushikiriza Abarundi amajambo ari mu ririmi rw’ikirundi bose batahura. Niho n’imigambi ya Reta izokworoha kuja mu ngiro, kuko bazoyitahura bose. »

Nicodeme HABIYAMBERE aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe UBUKI -NDANGAKARANGAMu gihe yari kuri uwu wa gatatu mu birori vy’ugutanguza ihwaniro ridasanzwe ry’uguhimbaza imyaka cumi Uburundi bumaze buri mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA niho yasaba ko amajambo ashikirizwa Abarundi akwiye kuvugwa mu rurimi rw’ikirundi. Ijambo yashikirije nawe nyene rikaba ryari mu rurimi rw’ikirundi. Muri iryo jambo yagize : « Nshimye gutanguza kino gikorwa mu rurimi rw’ikirundi kugira ngo Abarundi bamenye akamaro ko kwinjira mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. »