Yidoga avuga ko babaye nk’abamwishe ahagaze mu myaka ibiri irangiye hariko haraba ayo matohoza ata ho afatiye.
Yavuze ko Papa yamwemereye akaruko kugira ashobore guhangana n’ivyo vyagiriji.
Ivyo vyaha bifatiye kuvyabaye muri kahise, nk’uko vyavuzwe n’igipolisi co mu ntara ya Victoria.
Cardinal Pell yishuye ku bibazo vy’abana bakubaguwe n’abapadiri
Ivyo vyamuvuzweko n’abantu batari bake nk’uko bishikirizwa n’icegera c’umukuru w’igipolisi Shane Patton.
Cardinal Pell w’imyaka 76 akorera i Vatican, afatwa nk’umunyacubahiro agira gatatu mu butegetsi bw’ico gihugu.
« Ndi umwere kuri ivyo vyaha. Ni ububeshi. Ivyo bivugwa vyo gufata abantu ku nguvu n’ugushaka kuncafuza. »
Ishengero katolika irya no hino kw’isi yagiye iragirizwa ivyaha vyo gufata ku nguvu mu myaka iheze vyakozwe n’abapatiri, kandi ko vyagiye birenzwako uruho rw’amazi.