Iyi ni imihora yo hanze kandi yuguruka mu kandi kadirisha Sangira ibi na Facebook Sangira ibi na Twitter Sangira
Abashigikiye Bwana Kagame bavuga kw’inzego zagumye zitekanye ku burongozi bwiwe
Abashigikiye Bwana Kagame bavuga kw’igihugu kitigeze gihungabana ku burongozi bwiweUwufise ububasha kw’isanamuAFP
Abashigikiye Bwana Kagame bavuga kw’igihugu kitigeze gihungabana ku burongozi bwiwe
Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnistie Internationale ryagabishije ku « cuka c’ubwoba » kiri mu gihugu c’u Rwanda imbere y’amatora ategekanywa itariki 4 z’ukwezi kw’umunani.
« Kuva igihe umugambwe uri ku butegetsi Rwandan Patriotic Front (RPF) ufatiye ubutegetsi mu myaka 23 iheze, abanyarwanda bagiye bagwa ku nzitizi barondera gufasha mu buzima bw’igihugu canke barondera gushikiriza ivyo bibaza ku burongozi bw’igihugu, » niko Amnistie ivuga mu cegeranyo yasohoye.
« Icuka amatora yimirije agiye kuberamwo, kiva ku gahotoro kamaze imyaka myinshi, » niko kibandanya kivuga.
Prezida Paul Kagame yitezwe gutsinda kandi amatora mu gihe ahanganye n’abanyepolitike badafise ijunja, inyuma yaho ibwirizwa shingiro rihinduriwe, bikamuha uburenganzira bwo gushobora kurongora igihugu ku kiringo ca gatatu.
Leta y’i Kigali ntaco iravuga kuri ico cegeranyo, ariko yarigeze kwiyamiriza abavuga ko hari intwaro y’agahotoro mu Rwanda.