Abashingwamanza babiri b’Abarundi barahiye muri Sentare ntahinyuzwa y’igihugu c’Urwanda, bahabwa uburenganzira bw’ukwinjira mu rwego rw’abashingwamanza b’ico gihugu bahungiyemwo. Abo bashingwamanza ni Armel NIYONGERE arongoye ishirahamwe ACAT (Action des Chretiens pour l’Abolition de la Torture) hamwe Isidore RUFYIKIRI arongoye ishirahamwe MORENA (Mouvement Républicain pour la Renaissance de la Nation).
Abo bashingwamanza babiri bari mu baheruka gukurwa mu rwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi, bagirizwa n’ubutungane bw’Uburundi ko bagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.
Armel NIYONGERE ari mu bashingwamanza bariko bafasha kwitura ubutungane mpuzamakungu, ku miryango y’ababuriye ababo bo mu bwicanyi bwabereye mu Burundi.
Iyo miryango yamenyesheje ko yiteguriye gukorana n’ubutungane mpuzamakungu, mu gutanga ivyemezo bafise kugira ukuri kumenyekane, abagandaguye abantu n’ababanyurujwe bashengezwe kandi bahanwe.