Ijambo rya Jaques Bigirimana n’inkebuzo y’inararibonye Joseph Kalumba.

​Biratangaje bene data. Discours ya Jaques, iratwenza kuko yuzuye ukurandamuka kutarimwo ukuri na gatoya. Nta woza arabinuma kuko n’irementanya rirakwiriye kugira aho rigeza. 👝

Nta Gahutu Remy yigeze avuga ayo majambo ateye isoni, ku munyapolitike wese atahura iyo twavuye, ivyo duciyemwo, aho ageze n’iyo dutera tuja. Gisobanura ivyiyumviro vy’umuntu utigeze ubona, canke ugendana nawe ngo vumve nimvugo yiwe mu ma Discour menshi yatanze, bisaba « kwitonda, ubwenge-sagesse-, kumenya ico umuntu yashatse guserura, n’ibihe abivugiyemwo. Kuko politike yico gihe ntabwo yasa isana niyiki gihe tugezemwo. Abari abanywanyi bwite b’ico gihe, bagendanye na Gahutu nibo bobisobanura neza. Kuko ayo majambo Bigirimana Jacques avuga, ntabwo yariyo mvugo ya Gahutu na mba. Uyo mushingantahe yabonye akikijwe n’abantu, ati reka ndonkeye akanya ko kwiyebebura. Soyons honetes kandi twuzure vision nziza yubaka abarundi- abenigihugu. 

Twasaba abarundi b’inararibonye kwakira imyanya myiza yo kuza basobanurira abarundi imico ya politike nyinshi twagendeyemwo, twabayemwo kugira ngo imitima mishasha y’abanyagihugu yubakwe mu kubaremesha. Kandi tumenye iyo turiko tuja. Ibihe birahinduka natwe tugire ubwenge bwo kuvyitondera. 

👝Gahutu Remy nyakwigendera ntagirweko prophetie. Ivyo SIVYO yavuga. Abagendanye nawe barabizi. Ntibantunganya niwe yatanzweko akarorero, n’ababisobanure atariye umunwa. Tubasabe, Indimi zacu z’abanyepolitike tumenye ukuntu tuzikoresha…..