Umushikiranganji w’umutekano mu gihugu ca Kenya Rt. Gen Joseph Nkaissery yitavye Imana mu bitaro vya Karen ku murwa mukuru Nairobi.
Inkuru y’urupfu rwa Lt. Gen Joseph Nkaissery rwatangajwe na Reta y’igihugu ca Kenya,kuri uno wa gatandatu,igenekerez rya 8 Mukakaro 2017.
Naho hatavuzwe icatumye urupfu rwiwe,umukuru w’abasirikare Joseph Kinyua, yavuze ko bababajwe n’urupfu rwa Lt. Gen Joseph Nkaissery inyuma y’amasaha make agiye kwipimisha.
Umushikiranganji w’umutekano Lt. Gen Joseph Nkaissery yitavye Imana,iminsi mike imbere yuko amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa 8 aba.