MUSENYERI EVARISITO NGOYAGOYE YARAHATSWE KUGANDAGURWA/ Kaka Bonet 

IBI BINTU BIRABABAJE CANE: 
Ibara ryarahatswe kurwa kuri Paruwasi ya Buyenzi aho Musenyeri Ngoyagoye yahatswe kugandagurwa imbere y’abakristu. Ivyo vyabaye kumusi wa Mungu uheze aho uwo Mwungere yitabiriye ibirori vyo kubatiza abana.

MUTI VYAGENZE GUTE:

Haraje umuntu afise inkoho yitwa PISTOLET aca agenda kwicara imbere atumbereye neza na neza intebe y’ Umwungere wa Bujumbura. Munyuma niho umumenyesha amakuru wa Radiyo Mariya yitwa Yosefu yabona uwo musore asa nuwuteye amakenga aca aramwegera, ngo amukoreko yumva afise inkoho. Wa musore aca ariruka ariko bateba baramufata, basanga koko afise INKOHO. Ata n’umunota uhaciye, abaporisi baba barahashitse baca batwara bukwi na bukwi wa musore. Uwo nyene muri kano kanya akaba yidegemvya.

UMVE INGENE BITANGAJE:

Wamumenyesha amakuru wa Radiyo Mariya yitwa Yozefu, umwe yahagarika igandagurwa rya Musenyeri, yaje abona mu Gitondo ari mumisa igiporisi kimushwayemwo, bamutwara amaguru adakora hasi, ubu akaba abarizwa mwibohero rikuru rya Mpimba.

KAZOZA KAZOTUBWIRA VYINSHI!

HonorableKaka Boney