Abasavye kwibutswa ingene Amasezerano Imana yahaye Uburundi yarwanijwe. Nimusubire mubisome. Nubu Shetani (satani) yararungitse intumwa ziwe gucokora no gucafuza abo Imana yarobanuye.

img_2084-7INGENE AMASEZERANO IMANA YAHAYE ABARUNDI YARWANIJWE MUGABO UBU AGIYE GUSHITSWA.

Twebwe Abisezerano twahagurutse ngo duhagararire amasezerano Uhoraho yahaye ihanga ry’abarundi kuko Satani akoresheje abantu batandukanye yarayarwanije cane kugira ngo ayaburize kandi n’ubu akiriko.
1. Leta z’uburundi uko zagiye zirakurikirana zararwanije amasezerano zivuye inyuma mbere zigakoresha imvugo zikarishe ngo abavuga ivyamasezerano ngo ni:
– Aba tribalo-terroristes.
– Integristes religieux.

-Intagondwa
– Basenga barigusa.
– Bigisha amapolitike yurwanko n’amacakubiri.
Maze nyamaleta yarapfunze abantu benshi zibagiriza ngo bagumutse abandi baranyuruzwa baricwa kaba akamizwe ningoma. Babuza abantu gusengera Imana mumihana iwabo canke kuvuga ubutumwa bw’umwuzuzo, ukwihana no gutunganya rwose.
2. Amadini nayo nyene yarahagurukiye igikorwa co kurwanya amasezerano, amwamwe mbere akoresha imvugo ya leta ityoza amasezerano mbere bongerako ngo:
– Imana ntikivuga ngo ivyo vyari mubihe vyakera.
– abavuga ivyamasezerano barwaye mumitwe canke ngo no ukwemera ibintazi.

-Kirazira kuvugishwa canke kuvuga ivyerekanywe ngo birasambura amashengero,…
– amasezerano ntabaho kuko aho yavugiwe ni kera.
3. Imirwi n’abantu kugiti cabo bararwanije amasezerano mukuyatitura:
– Hariho abantu bivuga ngo nibo bonyene ngo Imana yatoranije ngo bazorongore igihugu, ukumva umuntu aradutse ngo ni jewe Imana yatoye isiga amavuta nibindi…izo ni impwemu zihumanye. Na nubu abo bantu barahari.
– Imirwi iyi canke iriya ikiyita ngo niyo yene amasezerano ngo twebwe gusa….ngo nitwebwe Imana yaraze igihugu c’amata n’ubuki…
-Hariho mbere n’abumvise ivyamasezerano bantagura kugabangana ibibanza ingene bazotwara, bapanga abantu babo n’ubundi bushizi bwisoni bujanye no kwipfuka urushato rw’intare batarayica.
4. Satani nawe uretse  gukoresha ama leta, amadini n’abantu kugiti cabo nawe nyene ntiyatanzwe, yarihagurukiye maze asuka mu barundi urwanko n’inzigo vy’amacakuriri yamoko, amadini n’intara. Maze uburyarya no guhemana vyaka indaro mugihugu. Ninaco gituma tubona ibiteye isoni bikorerwa mu migambwe, mu mihari, mu madinini mbere n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike canke andaharanira inyungu. Hose uhasanga ukuboko kwa shetani.
– Yazanye inyereko n’ubuvugishwa bwibinyoma mu bantu mbere atuma abantu batangura gutinya ivyamasezerano abanda batangura kunebagura ivyo Imana baja mukuzazanirwa.
– Hari abiyitirira amasezerano maze bakicana ( muribuka abari mumirwi yarwanya leta amabi bakoze bamwe bakica abari baje kubafasha urugamba abanda bakarengera ku ncabwenge ziri muribo bagasasika bababesheye ngo ni ibihemu, mbere murabe nubu abategezi biyita abanyamasezerano bagakoresha ibikorane uko umwaka utashe murabe ivyo bariko barakorera abarundi n’uburundi. Baratoteza, bakica bakanagaza turetse kwuzuza abantu mumabohero)Ivyo ni ibikorwa vyo gusiga iceyi umugambi w’Imana mugutitura ivy’Imana ngo urufatiro rw’amasezerano ruzimangane.
– Nubu satani ntaraheba kuko hariho imirwi yabantu yiyitirira amasezerano kandi igakorana n’ubwo butegetsi bwica, bukangaza, bugasahira mbere buriko burajana igihugu mumuzimiza.
-Uyu munsi nyene hariho ibikoresho vya Satani nyene vyinyegeze mwihanga ry’Imana nyene vyiyitirira aya masezerano bigahindukira bikavuga nabi abarongozi bo mwihanga mu guca inkokora abantu ngo ivyo bintu vaba naka ntaho bizoshika, ngo ba naka bakorana n’ubutegetsi n’ibindi bihuha bibiba urwanko, ukwinubana n’ukwihebura.
-Mwomenya yuko mugukorera amasezerano hazoza n’izindi ndyadya zizi kwiyorobeka ngo zije ngo mufatanye urugendo mugabo atayindi ntumbero zifise atari ugushaka kuburizamwo umugambi w’Imana. Naho biri uko ni ukubaraba mukabasengera maze mukababwira uti uyo siwo mugambi Imana ifitiye abarundi bose.

MUKURANGIZA

Naho biri uko turazi yuko ivyo Imana yasezeranye bitazobura gushika. Abisezerano bahisemwo kubohoza ayo masezerano Umwansi satani agomba kuburizamwo mugusasika inganda, mugusiga urumbwa no gutitura ivy’Imana.
1. Amasezerano nayo abarundi bose bo mubwoko bwose, bo muntara zose eka no mumiryango yose. Si ayo umuntu canke umurwi wa bantu. Mbere duhamagarira abarundi bose kwihana, kwiyeza no kwitwa abisezerano ntimugaterwe isoni n’ubwaba no kwitwa abisezerano kuko ni iteka Imana yo mwijuru yabateye.
2. Usanga kubera abagenzi, amashure n’ubwenge bwinshi ufise bikugora gutahura ivyamasezerano nkuko vyavugishijwe n’Imana, ntibiguhagame. Ni upfume hoho wugurura amaso yawe y’umutima maze urabe igihugu c’Uburundi mugabo ntubone inva n’ibinogo rusangi vy’abarundi isinzi bishwe kuva 1962, 65, 68, 69, 72, 88, 91, 93, …. gushika uyu munsi zuzuye igihugu cose. Ntubone impfuvyi n’abapfakazi n’abarundi isinzi bangajwe, ntubone ibiziga bireremba munzuzi, ntubone ubukene, inzara no guturatuzwa n’ayandi mabi yose yamye yugarije abarundi, mugabo nyabuna urabe Igihugu c’Uburundi cuzuye amahoro n’umutekano kuri bose, igihugu abarundi bo mubwoko bwose babana nkabavugana buzuye urukundo, igihugu umurundi wese afise ibifungurwa bikwiriye, uburaro bwiza, ubutunzi kuri bose, ubutungane kuri bose… Ni ubone Uburundi ari I paradizo yo ngaha kwisi maze wibwire uti ico nico gihugu twese dushaka, UBURUNDI BUSHASHA BWISEZERANO.
Urakoze kugira iyo sanamu nziza yigihugu cawe cakwibarutse ugiye gukorera w’ifadikanije n’abisezerano , Yesu aguhezagire!

Imana-Uburundi-Isezero

Dr Merlin Dusengumuremyi,
www.abisezerano.com