
« Kuko nzi ibikorwa vyabo n’ivyiyumviro vyabo. Igihe kigiye kuza nzokoranya amahanga yose n’ab’indimi zose ; bazoza babone ubwiza bwanje. 19 Kandi nzoshira ikimenyetso muri bo, abarokotse muri bo nzobatuma mu mahanga, (…) aho batari bwumve ko ndi rurangiranwa, ntibabone n’icubahiro canje ; maze bazokwiganira amahanga icubahiro canje. Nuko bazozana benewanyu bose babakuye mu mahanga yose kw’ishikanwa ryanje Uhoraho, bazoza bagendera ku mafarasi no mu mikogote ikwegwa na yo, no mu nderuzo no ku nyumbu no ku ngamiya, bashike ku musozi wanje wera Yerusalemu, ni ko Uhoraho agize (…) 21 Kandi nzorobanuramwo bamwe mbagire abaherezi n’abalewi, ni ko Uhoraho agize.» Yesaya 66 : 18-21
Ibiringo bitandukanye nsemerera, canke nandika imburi za mbere, canke mwumva n’ubutumwa mwumvise no ku bandi bakozi b’Imana benshi, mwarategereye cane ingene umugisha uva ku Mana, uko witwa uko ariko kose, uzanana n’ubugororotsi, nabwo bukazanana no kwakira Yesu nk’Umwami n’Umukiza mu kwihana ivyaha no mu kwezwa icaha n’ubuhumane bwose. Uhoraho yaravugiye kera mu kanwa k’umuhanuzi ati : Nta mahoro ku munyavyaha. Uyu musi abanse kwihana, n’abamaze guhagarikisha amasezerano amasengesho yabo apfuye, ni bo bariko barabaza bati : Vya bintu ni ryari ? Mbega abo inyishu yabo ni iyihe ?
Wa mutunzi (Luka 18 :18-19) yitwa ko ashaka kuja mw’ijuru, atemera ivyo risaba, ahamagara Yesu ati : « Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira ? Yesu aramubaza at’unyitira iki mwiza ? » Yesu, kuko atohendwa n’umwana w’umuntu, yamenye kare ko ivy’ubwiza vya Yesu atavyemera, kuko ivyo nyene vyavuga gutanga ivyiwe vyose, bikamuvuna umutima, aca amusamira hafi ati : unyitira iki mwiza, ko ibigushikana mu bwiza biva mu kanwa kanje, utavyemera maze ukanyita mwiza mu buryarya canke witiranya ubwiza bwanje n’ubwiza bw’ab’isi ata ciza kiri muri bo ? None yari iyihe mpamvu yo kwita Yesu « mwiza », ubwiza bwiwe ari ryo jambo rizana ubutunzi atari yiteze kuryakira ngo rimushikane mu bwiza ?
Uko niko ab’iki gihe batemera ivy’imbaraga Yesu agiye gukora mu gihugu cacu, mbere ariko aranakora, bagumiza amaso ku butunzi, n’ububasha bwabo, n’ibirwanisho, n’abapfumu n’imana zisha n’izimeneka zabo hamwe n’ivyiyumviro vyabo vyo kwiyegeranya mu moko n’uturere, baha umugongo iyirema ikanica, imwe ikenesha umuntu ikanamutungisha (1 Samweli 2 :6-7), maze bibacanganikiyeko bagafatwa n’ingwara zidakira, ubutunzi bubahezeko, abansi babakikuje giturumbuka umupfumu inkoni yiwe igacikamwo kabiri, bagatangura kubaza batavyemera bati : bimwe Imana yavuga ko izokora, ni ryari ga nani ? Ntiwoca bugufi ubu nyene ucumva bino, hagukomeza wikakisha ? Kuri abo bikakisha, Imana ihishura ibikomeye bitananyorohera no kwandika, ariko ngatangazwa n’ingene iyo batontoma barusha intambwe yisangije ikibira iyo batontomeye ku mugororotsi. Mbahanure ? Ntibikenewe uyu musi ko abasumvya ibitugu abandi tuduza ijwi cane kurusha ibicu, kuko igihe kiza, ijwi rizoduga tutanabishaka. Nimwībîke. Uwiruka agîye gufata intungane, vuba baramwirukako. Itekerereze kuko ibisa n’ivyo mu buzima tunamaze kubibona. Nabonye musi y’izuba hari igihe co gucokora n’igihe co gucokorwa.
Manura ibitugu, umugisha kubaca bugufi, bakihangana ni mwinshi.
Mu mburi zabanjije mwumvise vyinshi bizoba mu buryo bwagutse. Ubu turegeranya gusa kugira dutambukire mu vy’umubiri vyo kwitonderwa, kuko vy’ukuri uwutasomye imburi za mbere z’ivy’impwemu, tubisubiremwo, nta kamaro ko kwidigadiga asoma ibi. Kuko umugisha ni uw’uwejejwe. Nditeze ko mu mugabane w’ivy’impwemu Uhoraho atazobura gukora ibi bikurikira:
1. Ishengero rizokwezwa rikurwemwo abungere b’amabingira. Yobu 18:5-7. Abo ni abakora ivyo kuzimiza abantu ibigirankana, canke bafise ibanga rya Satani bakiriye, bakarikorerako mu kugwiza abanywanyi mu buryo butarimwo umuco. Abandi nabo birazwi ko babikora mu kutamenya kuko bazimijwe n’abo ba mbere. Kuri abo, niteze gutabarwa kwabo kuva ku Mana igororoka ni baca bugufi. Ariko n’aba mbere baciriye Satani bemeye, bokwakirwa n’umunyembabazi yababambiwe kuko umuririmvyi ari muri mpwemu yavuze ngo imbabazi ziwe zishika n’i kuzimu.
Abo bungere bagira bati : n’utwiziguruke, bazokwambukanwa babe inyagano mu yandi mahanga nk’uko nabibandikiye kera bikaba vyaranatanguye kuba, batemeye kuburirwa. Naho bakomeje kwizera abahanuzi b’ibinyoma badutse, bavuga ko tudakwiye kuburira abanyavyaha ngo bihane ng’ubuntu bwarabonetse, bazobona ibara. Kuko ijambo ry’ubwo buntu bw’Imana ni ryo riduhamagarira kwisuka mu maraso ya Yesu twatura icaha cacu, ubuntu bukabona kutugirira akamaro. Ariko abazigiriza abantu b’Imana hanze, bari mu buntu bwa none, ubuntu bw’Imana nzima babugize ikiririmbo co kwiririmbira gusa canke icivugo co kwatura, slogan, nya buntu bukakubako. Si ugusubiramwo amajambo gusa, bene Data, ngo “Ndakiriye Yesu nk’Umwami n’Umukiza”. Ahubwo n’ugukora ico ijambo ry’ubwo buntu ridusaba. Kuko, ehe ibintu bitatu vyo kwitondera: Uyu Yesu nyene atanga ubuntu yadushize imbere urupfu n’ubugingo, aduha ubwenge bwo guhitamwo. Ica kabiri: uyo Yesu atanga ubuntu niwe yanavuze ati : “Ushaka kunkurikira, ni yikorere umusaraba wiwe ankurikire”. Ica gatatu, Uyo Yesu yatanze ubuntu si nawe avuga ko ari we rembo akanongerako ko iryo rembo ripfunganye? Ntaco umuntu yoronka ataco atanze, mureke guhenda ishengero ry’Imana.
Ababikora mu kutamenya, muce bugufi mwemerwe. Ego twese twaracumuye. None kwatura ubuntu, ata kwihana, ata kwatura icaha, bidushikiriza ubuntu gute? Erega mvuze kwezwa, turetse ko mba mvuze ico uwatanze ubuntu yavuze (Ivyah.3:17-19; Ivyah.22:14), simba nguciriye urubanza ngo wezwe use nanje, oya. Mba nkwakuye ngo twezwe duse n’uweza, ni Yesu. Ivyo navyo, kuw’ihanye akabatizwa mu mazi menshi, bica mu kwatura ivyaha no mu gukorera Imana ivyo ijambo ry’Imana ridutegeka. Naryo rivuga, kwihana, kubatizwa mu mazi menshi, gusoma ijambo bifatanye no gusenga, kwatura icahe ari kwo kwiyeza ibihe vyose, kuko hagwa uhagaze kandi utejejwe atazoraba umwami.
Uvuze ko wejejwe n’ijambo? Uvuze neza. Iryo jambo, kubera ko rivuga kwatura ukaba wibera mu busuma n’ubusambanyi n’irementanya n’ubwibone, ivyó nanje vyari vyarambase iyataba amaraso ya Yesu, ukanka kuvyatura, reka kubeshera ijambo.
Ku mabingira, si ukwambukanwa gusa, abandi bazopfa, abandi bashirwe mu mwanya wo kudashobora kurangura igikorwa c’impwemu na kimwe. Bimwe muri ivyo ababikurikirana mumaze no kubibona. Hari abagiye mu mahanga umengo n’umugisha bahawe, ariko kwari kwigizwa kure y’ishengero ryo muri Isirayeli ya kabiri. Iyo bari, bo nyene boba bamaze kubona ibimenyetso vy’ivyo. Icompa bakihanirayo. Hari n’abakozi b’Imana, bamaze kuburirwa bakanka kumvira none batanguye ivyaha bahevye kera, bizira rimwe. Batangura gusambana no kwinywera no kuranga abicwa, n’ibindi nko kurwanira imbere y’abana ari umugabo n’umugore bavuga ko bakijijwe canke mbere ari abungere. Uko nakwo, naho batabitegereye, ni ukwigizwa hirya y’ishengero ry’Imana canke hirya y’ubwato. Ubwo ni uburyo bumwe mu bundi. Bibiriya yo yatubwiye uku: « N’ukuri urumuri rw’umunyakibi ruzozima, kandi urubeya rw’umuriro wiwe ntiruzokwaka. 6 Umuco uzocura umwiza mu nzu yiwe, n’itara rimanitse hejuru yiwe rizozima. » Yobu 18 :5-6
Abo bo mu mabingira Imana irondera bari mu migwi myinshi twovugamwo imwe imwe bafitaniye ibanga na Satani ryo kugirira nabi ishengero kubw’ivyo yabemereye. Si abahenzwe kuko natwe, cane cane jewe, duhendwa muri vyinshi ariko n’abakorera kw’ibanga bazi ibigirankana:
• Abungere babaye mu mubiri mu buryo bw’ubusuma bufatanye n’ingene basanzwe bakora, atari ubusuma bw’ivyaduka canke bw’intege nke;
• Abaciye i ruhande ijambo ry’Imana bakorera ibizira mw’ishengero bibiriya itavuga, nko kwemeza abantu ko Yesu ashobora kuba mu mukate canke mu bugari wese mu vyo bita isangira ryera kandi Yesu yaravuze uburyo butatu azoza ( Luka2:10-12; Yoh.14:18; Ivyak.1:11 na 1 Tes.4:16). Abemeza ishengero ko Yesu aza mw’isahani canke mu gikombe ca vino (soma imburi ya 3: Ingaburo Yera) naho yivugiye we, ko azoza mu mutima w’umuntu nka Mpwemu Yera, ntibobura no kuzomukororera mu macupa, mu bibido n’ibivumvu canke mu makoti n’imishwaro y’abakozi b’Imana “rurangiranwa”, abakristo bakamuronka batanze amahera. Kandi ni nako biri, kuko abantu baja mu misa kubera ivyo bita ukaristiya ikorwa mu buryo bibiriya itavuga, bakaja mu makoraniro y’abakizwa kwakira akavunguka k’umukate karimwo Yesu, wa wundi yivugiye ati: “Ni jewe mukate waje uva mw’ijuru”, akabivuga kuko yarazi ko hari abazozana imikate ivuye ku mbabura, no mu mabutike bakavuga bati: “Akira Yesu”, bamaze gukora amareba yo kumushiramwo. Si abatanga akavunguka k’umukate canke umuhwi ngo vyahindutse Yesu ubwiwe, na bamwe nyene batanga akamenyetso k’izuba kaba mu gikoresho kimeze nk’izuba, ostensoir, ku mvo zari zarahishijwe zikamenyekana, bakongerako amaraso yo mu muvinyu uborera, bose batsindwa n’ijambo Paulo yabwiye ab’i Tesalonike, yuko we nyene ubwiwe azoza, amanutse ari kumwe n’abamarayika (1 Tes. 4:16). Bibiriya ikemeza gose mu vyahishuriwe Yohani ko amaso yose azomubona.
Ni we nyene “ubwiwe” azoza, bitavuye ku nama nkuru y’abasenyeri canke abavugishwa n’Imana canke itegeko rya Papa (umwe Nyenubweranda wo mw’isi!), canke ry’umwungere asenze ngo Yesu yururuke mu mukate canke mu kinyobwa ico ari co cose, ivyo n’ubu bariko baragurisha mu mashengero amwe amwe ngo birahezagiye. Ivyo twizere ko ubu ho vyumvikanye. Abashaka kumenya vyinshi kw’isangira ryera basome imburi ya gatatu yasubiwemwo kw’itariki 20/04/2016. Muri iyo mburi sinari nasobanuye neza ingene isangira ryera rikwiye guca rimera, nihatiye mu kugwanya imana y’ikigirwamana ija mu mukate no mu kuvuga ivy’urukundo rwa Kristo rworanga abasangira mu kuri. Kutabishitsa neza vyambereye agasembwa canke mbere ubuyobe, kuko ico gice ari co umuntu yari akwiye gufashirizwamwo neza. Mubimbabarire n’Imana imbabarire kuko ibikorwa vy’urukundo bisanzwe vyohava vyumvikana nk’isangira ubwaryo.
Mumenye rero ko mw’isangira ryera, abari mw’ishengero rya Kristo, bisigura abizeye, abizeye nabo bakaba baba barabatijwe bácizera, kandi biteguye mu kwiyeza, barakorana, bazanye umutsima utambiwe n’umutobe utarimwo arukoro, bakazana ibibakwiye. Tuvuga ababatijwe bacizera dushatse gukebura amadini amara amezi atandatu canke mbere na cumi n’abiri adindiza abizeye mu kurinda kubajana mu ma teolojiya maremare no mu kubigisha akarangamutima k’idini arivyo bita “igice” hakwiga akarangamutima ka Kristo. No kudubura baradubura gushika aho bamwe Satani abakwega bakabivamwo. Ariko tuzi ko kwizera kuri hejuru y’ivyo vyose kandi ko umaze kwizera akabatizwa aguma yiga vyinshi kugeza igihe azovira mu mubiri. Naho ari vyiza gusuzuma igihe kirekire ingene umuntu yizeye imbere y’uko abatizwa, ntivyokwitiranwa no kurera umuntu mu gakiza, kuko ivyo bimara igihe kingana n’ubuzima bwiwe bwose. Naho nonagira ico nihenze, numva Mpwemu turonka tubatijwe akongerekana muri twe uko tugenda turiyeza dusoma kandi dukorera Imana mu gusenga mu kuri, uyo ni we atwicarika mu kwizera gushikamye. None ukwizera kwacu kwogarukira he tutaramuronka, ko mbona hari abibaza ko hobatizwa abizeye nk’intumwa za mbere? Gusuzuma ingene ubatizwa yizeye ni vyiza cane kugira, mama wanje ntubatize icaha(?), ariko idini ritaravye neza, ryohava ryinjira mu bwenge bw’umubiri rigashaka gusubirira Mpwemu ubwiwe asesa imitima, rigahinduka umucamanza kuko uyo Mpwemu ni we ahanagura icaha burundu kandi ni we asesa bidasubirwamwo.
Kumwe Yesu yabikora, akabira umutsima akawushimira Imana, akawumanyagura akawubaha, ati: uyu ni umubiri wanje ubatangiwe, murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje, namwe ni ko mukora: murashimira Imana umutsima canke icapati canke umukate mwaronse, canke mukawusengera mukawumanyagurira abakoranye ngo bawurye bibuka ingene na we yitanze ku musaraba akahafatirwa nabi nk’umutsima uriko uramanyagurwa. Mubahereza muvuga muti: iki ni icibutso c’umubiri w’Umwami wacu Yesu yatwitangiye ku musaraba. Mwonavuga muri make, mu gusangiza, muti: Akira icibutso c’umubiri wa Kristo. Uko nyene niko bica biba no ku mutobe. Umukozi w’Imana arawusengera akawugaburira abakristo avuga kwa kundi: akira munywe, iki ni icibutso c’amaraso ya Kristo yabasesewe. Kuko iyo umukate n’umutobe bisengewe bihinduka ivyibutso vy’umubiri n’amaraso vya Kristo. Ni ivyera rero.
Twibuka ivyo Yesu yakoranye n’intumwa azisigurira ibigiye kuba ku musaraba muri ico kimenyetso, anazisigarana icibutso c’urukundo rwiwe mu gusangira. Kuko muri ico kiringo, no mu bihe vyose, ivyo vyompi ari vyo vyo kwibukwa, ahanini kugira ngo bituviremwo ibikorwa bigaragara vy’urukundo. Abasangira mu kuri muri iryo sangria ryera, barangwa n’uko basangira n’ibindi vyose mu buzima bwabo, bakama ivyamwa vy’urukundo, kugira bigaragaze ko ari Kristo aba yarabakoranije, batakoraniye ikibi, nk’uko Paulo yagaye ab’i Korinto bazanwa n’inda gusa.
• Abandi bazorakirwa n’Uhoraho ni abungere bagitanga ibimazi biva amaraso vy’amasuguru (Yesaya 1:10-15) nk’aho umengo ikimazi kimwe kizima cavuye mw’ijuru, Yesu, ataco camaze. Abo batatuye bakezwa mu maraso ya Yesu bazohindwa. Mbere ivyo bakoze ubwavyo vyarabahinze. Baniravye bobibona atawubaciriye urubanza. Mu mugabane wo gutanga ibimazi bitagira ikimazi harimwo n’aba saserudoti canke abahereji bakora misa, mw’i konsekarasiyo, bakongera gutanga ikindi kimazi bita Yezu, bigana ivyo Yesu yakoze kandi we yabikoresheje intoke zera, agatanga ikizima cera, ari co we nyene. Soma Heb.7:11-28, Heb.10: 25-28, ubone ingene Yesu atashikanwe Ahera cane no kwitanga kenshi nk’uko abasaserudoti b’ubu babikora mu nkuka z’imisa zose bakavyita mu gifaransa ngo “renouvellement du sacrifice”, unabone ingene uyu musi ata musaserudoti yemerewe kubaho atari Kristo, yabaye umusaserudoti w’ibihe bidashira. Kandi i ruhande y’uwo nta wundi yongerako. Bene abo bahereji, batumviye imburi bakihana, bakava mu butunzi n’ivyubahiro bibateye akaborerwe, barirukanwe. Abo nyene, Paulo nibo yeretswe kera ko “baziza kwabirana”, ugusenga ibigirwamana kwabo kukabatera gushakana hagati yabo (Rom.1:24-28), kandi ko n’aho banarusha abandi kwiga, ubugarariji bwabo butabemerera kugira ico bamenye. Iyo ntumwa idasanzwe, kuko itari yariyegeranijeko imirima n’amazu n’ububare n’utuguriro ihûmba, yavuze iti : “bama biga, ariko nta ho bashobora gushitsa ku kumenya ukuri” (2Tim3:7)
• Abungere bakora canke bakingira ikibaba ivyo kubaza, gucura canke kubumba imana canke mu gukoresha ivyo bigirwamana nk’ivyibutsa Imana, naho yo yivugiye (Rom.1:20) ko tuyibutswa n’ivyo yaremye atari ivyo duhinguye ;
• Abarozi n’abakozi ba Satani bari mw’ibanga ry’umugararizo ryo gusaba imbaraga i kuzimu kugira bashorere benshi babajana i Gehinomu mu kwigisha mw’ishengero ibinyoma babizi, mu gutoza amahera mu bugunge, mu kwononesha abantu b’Imana ubuhumane bwinshi nk’ubusambanyi, canke bakabarekerako bimwe bisiga ku minwa n’inzara n’amaso, n’amahereni n’ibisuko n’ibimeze nk’ibisharizo bidakenewe vyavuye i kuzimu bikabera aba dayimoni ibibuga bururukirako baje kwononesha ababikora ubusambanyi n’ibindi bibi vyinshi nko kubasinziriza no kubaziba amatwi iyo Imana y’ukuri iriko iravuga. Buzuye impari nyinshi n’ubwibone no kutihangana vyururukira kuri vya bibuga nyene. Abo ba satanistes bashigikira kurongorana hagati y’ibitsina bimwe, kurongora abagore benshi, kwahukana, no kwicira abana mu nda bakoresheje utugenegene Satani yaterereye isi: inshinge, udukingirizo, ibinini, udusandugu tuba mu bitereko n’udukoni tuba mu maboko bitwaje ko ubutegetsi bw’isi ari vyo butegeka, naho tuzi ko bwobwo ivyo bwiyononesha bitagarukira aho gusa kandi bigiye kurushiriza mu kwemerera izindi mana ko zitwa Imana. Ariko abatemera guhamwa mu gihe cavyo ntibazorunguruka mu nyonga h’Imana. Ivyo vyose ni ivyo gukosora Imana kuko yo yoba yaremye umugore adakwije ivya ngombwa, naho yo, imaze kurema vyose, harimwo n’umuntu, yabonye ko ari vyiza;
2. Amabingira akuwe mw’ishengero, nk’uko bibiriya ibivuga, intama zizosubira zikoranirizwe mu canya kimwe (Yoh.10), ni ryo shengero rimwe rya Kristo, kuko atashizeho menshi, ariko yashizeho rimwe, iryo yabwiye wa munyasamariyakazi (1) mu buryo bw’iriba ritanga amazi y’ubugingo, (2) mu buryo bw’umugore (ishengero) rifise umugabo umwe (Kristo), no (3) mu buryo bw’inyifato y’ukutaronderera Yesu ahantu hatungishwa urutoke (mu misozi canke i Yerusalemu), ahubwo mu kwizera Yesu “Nyizera, nyina wanje”, ugasenga mu kuri no mu mpwemu. Ivyo bicumita mu mutima aba nya teolojiya bavuga ngo église locale bashaka gukingira ikibaba twa turûri biyubakiye ari nayo madini akorerwamwo bimwe vyose mumaze kwumva. Kuko ehe raba, Yesu ntawe yatumye gufonda ishengero ngo arihe izina yishakiye, maze ace anariganza uko ashatse. Ntiyogira ubusa ivyo we yivugiye ngo bazoba umukuku umwe muri Yohani 10. Abatari muri uyo mukuku bari ahandi, si mw’ishengero rya Kristo.
Mu gihe kiza umve rero, bwoko bw’Imana, tuzoba umukuku umwe twitwa ishengero rya Kristo gusa, dukundanye mu gihungu cose, ihema ryo mu Rumunge ritwawe n’umuyaga w’igihuhusi rigashingwa hakoreshejwe uburyo bw’umunyabuntu wese abishoboye ari uw’i Muyinga canke i Muramvya canke i Bururi. Ntihazongera kuba aba Kivuye, aba Gitwaza, aba Ntamwana, aba Denise, aba Eric, aba Pentekoti, aba Yehova, aba Isilamu n’abandi, kuko iyo ari imikuku y’abungere benshi. Ikivyerekana ko atari imikuku y’umwungere umwe, n’uko umwungere umwe acumuye abandi baritwengera. Ihema rimwe risambutse rikagwa mw’i parasela y’uwundi, nimba uyo wundi atorikoresha mu kwagura imbago ziwe, yobura arimuhisha akanavuga ati : Awa ! Wari waje kunsita no kuntwara aba « kiriya » ! Imana iraguhanye! Ikitibagiwe co ni ukwihenda ngo umwubakire. Aho twirengagije ivyo kurogana, kurasana, kwikoreranira intebe ishushe muri ibi na biriya kugira ntiturenze urugero ngo tubabuze kwivugira ama église locales yanyu.
Ariko Imana yo, indavyi, irafise uko ibita, n’usenga ubanje kwatura uzomenya izina ikwita. Ari jewe mvuze ko uri boîte de nuit canke kabare y’ijoro, butike, ubwami bwawe, n’ibindi,… nkakwita umu lifer canke uwidibamiye mw’isi, noba nguciriye urubanza. Mumbwire rero: mbega abo ni ab’umukuku umwe? Ni ama shengero nk’uko mubita? None Yesu mwitirirwa, si we yavuze ati ikizobabwira ko muri abanje ni urukundo muzokundana? Naho urwo rukundo rudusaba kumanika ivyo dufise mu kubisangira, nk’uko na we yimanitse wese ku musaraba, ariko twagize uburyarya bwo gusangira akavunguka, kugira amararo y’inka yacu agume akwiye, none ehe raba aranakeshe, arîwe na ba ruburakigongwe baturitse mu Bamori n’aba Peresi n’aba Filistiya, kugira ngo amazu yacu abe ari twe twenyene tuyabamwo none ehe raba, ya puderi igira iyaturire, nta nico kwokora, nawe ugiriyemwo.
Nimba hari ikintu gitsitaza yemwe, ni kubwira abungere bo muri ino si ko boba umukuku umwe. Umwe wese akwiye kugumana agaseke kiwe n’aba diyakoni bakuzuza, ariko “bakubahana”, ijambo ry’uburyarya, kuko ukwubahana kw’abadakundana ntibemerane turazi ikirimwo. Jewe simbahanuye ngo emerana, kuko mwahishuriwe ko mutari aba wa mwungere umwe, mukaba mutaciye mw’irembo rimwe. Noba mbagizeko uburyarya. Hari abiyizi ko babaye abungere babanje kuvugana n’abungere b’abarozi bo muri Uganda, Kenya n’ahandi bakabavugutira, maze bakaza kugurura amashengero bavuga mu ndimi. Abandi baja mu nzuzi ndende bakurayo ubwungere. Abandi batanga amafaranga barambikwako ibiganza bironkera ubwungere. Abandi bahurira mu kabare batekerayo imitwe bumvikana ingene bakwiye kubaho muri kino gihe kigoye, barimikana. Yemwe, abantu bahamagarwa kwinshi!
Abo bahumanisha igihugu ivyo bintu bagiye bandavura iyo bacishirije, bakemerwa kuko, ubwa mbere, Leta yabemeye, ubwa kabiri kuko biyise pasitori biciye muri izo nzira, ubugira gatatu kuko banaciye batezwa imbere n’ibisigo vyabo baterekera bakubaka vuba ibihambaye bagashiramwo ivyuma bizimvye, ntibagume ari “utudumbidumbi” mama wanje! Bibiriya irambwira iti : “Hahirwa usoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo: kuko igihe kiri hafi” (Ivyah.1:3).
Abo bibiriya yise abazezwa shengero, baciye biyita abungere, bumira kukuba “Révérend” Pasteur (umwungere adasanzwe, Nyenicubahiro Mwungere), abasenyeri (Monseigneur mugifaransa gisigura: Mukama), na kaminuza rero: Nyenubweranda, Sa saintete mu gifaransa: umuntu wo mw’isi, arwara, agira igisida, acumura, yihenda, apfa akanaba Nyenubweranda !!! Ariko Yesaya yavuze ko Nyenubweranda ari Uhoraho, nawe ni umwe (Yesaya 6:3). Ubu rero mw’ishengero hari aba pasitori n’aba Réverend pasteur, ibitanditse ahantu na hamwe, bizanwa n’impwemu z’ivyubahiro gusa. Ariko jewe nzi ko umuzezwashengero ari umuzezwashengero gusa. Uwushaka kuba umukuru w’abandi nawe mgo n’ababere umusuku, niko Yesu yishuye umwe mu bamubaza uwuzomusubirira kuganza izindi ntumwa asubiye mw’ijuru.
Harageze ko Imana yishira hejuru y’izi mana zo kw’isi. Vyari vyarenze ihaniro, kuko, turetse abo biyise imana mu rwenge, ubu ho abantu baravyemanga bakiyita imana. Njanye n’abo, kuko bobo nta buryarya barinda kubicishamwo. Migurumiko wo mu Burundi, Beyonce imanakazi yo muri Leta zunze ubumwe za Amerika, Kimbangu muri Kongo, n’abandi banye Kongo nyene bariko baza ubu n’abandi bo mu bindi bihugu tutaramenya bariko baraza, ivyavuzwe muri Matayo 24 birashitse. Kuri abo, Ekereziya katorika yongeyeko Mariya Mweranda nyina w’Umwami Yesu, bamugira imanakazi kuko bamwise “Umugabekazi w’isi n’ijuru” bakagirako bakamusaba naho bazi neza yuko Yesu mu kanwa kiwe yabwiye Satani ati: “Imana yawe abe ari yo usenga, kandi abe ari yo usaba yonyene” (Mat.4:10). Kubera ko bizwi ko umukundwa Mariya atari umugabekazi w’isi n’ijuru, imanakazi yabo yo ntibuze. Iriho.
Musenge mumenye ibikwiye kumenyekana kino gihe.
Kandi iyo, kuko itoba mw’ijuru, sinkekeranya ko iri i kuzimu. Yokwitwa Yezebeli canke Semirase ateruye Nimurodi, ikizwi gusa n’uko uyo mugore bagereranije (Assomption) ko yurijwe mw’ijuru muri kino kinjana nyene ariko Yesu we yaduze kera (Ascension) babona, atari imanakazi iri mw’ijuru, kuko iyo, bibiriya ataco iyivugako.
Injira mu bwato mwabwiwe, ubwanyu bubasabiyeko. Reka kwiyumvira ku biti n’ivyubahiro n’amafaranga vyanyu mwegeranishije ubwo bubeshi, kuko ehe birayongeye mu ntoke musigare mufashe umuyaga. Ko ivyo mufumbatiye munazi iyo vyavuye, mushatse mwoca bugufi mukemerwa. Yesu ni umunyembabazi naho biri uko. Ce bugufi abeze.
Iri shengero rya Kristo ryari ryatanguriye muri Isirayeli ya mbere, riragwanywa gose na Herodi mu bwicanyi, Konstantino aravyunyura akoresheje urwenge ruhanitse ruciye mu kwegeranya amashengero arivyo bita oeucumenisme mu gifaransa. Urwo rwenge nirwo nyene ruzokoreshwa mu gihe canyuma, amashengero yegeranirizwe mu ntoke z’umuvugishwa umwe w’ikinyoma ku ntwaro ya Antikristo. N’ubu nyene iryo banga ririko rirakora. Yesu birazwi ko azoza ata madini menshi ahari.
Ha gushinga amashengero yitirirwa abantu, aha muri Isirayeli ya kabiri hari hakwiye kuboneka amahema yitwa ishengero ryitiriwe intara n’uturere nk’uko vyahora kera ku ntumwa za mbere, aho havugwa ishengero ry’ i Korinto, Efeso, Antiyokiya, n’ahandi. Gutyo hakaboneka Ishengero ry’i Bujumbura, ryo mu Ruyugi, ry’i Bururi, n’ahandi. I Bujumbura hakaboneka ishengero ryo ku Musaga, ishengero ryo Kamenge, ryo mu Gatumba … Bitagenze uko, kuko Imana ishobora guhindura urutonde, amashengero yitiririrwa umuhamagaro kanaka (ubushobozi bwa Kristo, ubuntu bw’Imana, kwihana, pentekoti…) akabaho yubaha Uhoraho yuzuye Mpwemu Yera arongorwa nawe bikagaragarira mu rukundo no mukwemerana. Mvuze « amashengero » nshaka kuvuga amahema y’ishengero rimwe rya Kristo. Abantu bazokuzura umunezero wo kuba mu mashengero arongowe n’abazezwashengero batabaronderamwo ama jeep n’amazu n’ivyubahiro, ariko barizwa no gusanasanana mu rukundo no mu kwitanga. Tubikorere. Ya marembo ya mbere Yesu yanka azoba akuweho.
Ivyo bita ama ministeri, ni imihamagaro yo gukorera mw’ishengero rimwe ry’Imana, si ayandi mahema atandukanwe n’ishengero. Mpwemu w’Imana akorera mw’ishengero agenda ahamagara uko ashatse, atanga imirimo yo kurongora ihema, kuvugishwa mu mahanga, gushinga amahema nk’intumwa, n’ibindi, abantu bakagenda bumvira Mpwemu abemeza akanemeza “Eli” wabo ari we muzezwashengero. Iki gihe abantu baravuga bati: jewe Imana yantumye ishengero, abandi bati: nanje yantumye gushing ministeri. Aba mbere (ishengero), bakagenda bakora bimwe vyo kuzana imana mu mukate, abandi (ministeri) bakigisha gusa, ariko bafise ihema ryabo. Ishengero rikabatiza, ministeri ikareka, ibikoze naho ikabituma Pasitori wo mw’idini. Ivyo vyose ni irementanya ryo muri buno bwami bwo mw’isi, kuko atari vyo ijambo ry’Imana rivuga.
Mbega ni iyihe Mana yokwemera gutuma umuntu w’inyama n’amaraso gushinga ishengero ikamuha n’izina n’ikimenyetso yisangije (logo), agaca anaribera umukuru akaryitirirwa ngo ishengero rya Erike? Ryoba ari iryiwe nyene ! Ivyo Paulo, intumwa, yabivuzeko ibikwiye. Ubwa mbere ho ishengero rirahasanzwe; ubwa kabiri, ikimenyetso kiriho, ni Mpwemu Yera. Si logo. Ubwa gatatu, Yesu aribereye umutwe ni we aryitirirwa, si umukozi w’imburakimazi. Ntimwongere guhendwa. Ico ijambo ry’Imana rivuga na co, ku vyerekeye ministeri, si ikindi uretse ko ministeri ari umuhamagaro. Raba Yeremiya 1 ubone uko yahamagawe n’ico yahamagariwe. Raba Paulo mu vyakozwe n’intumwa, urabe Ezekieli2-3, urabe Yesaya 6. Mw’ishengero ry’Imana, kuko abantu bose batokora bimwe, Imana iratanga imihamagaro itandukanye, bayikoze mu kumvira no mu bugororotsi, bose bakubaka umubiri wa Kristo, ni ryo rya shengero. Mw’ishengero rero umuntu akwiye gukora ico yabwiwe n’Uhoraho canke ico yatumwe gishingiwe intahe n’icabona kimwe canke bibiri bivuye ku Mana. Ntawahamagawe abimenya ari umwe, Imana yama yemeza abariho ico yirobanuriye, naho abapinga nabo bafise umwanya wabo. Ariko, kuko umucamanza ariho, ntaco bitwaye ko hariho abavuga ko ari bo bonyene bahamagawe naho bibiriya itavuga ngo mpamagaye abanaka. Yoyo ivuga ko abubaha Imana bagakora ivyo kugororoka bose ibemera. Yongerako ngo muzobabwirwa n’ivyo bama. Bisigura ngo abama ishari n’inzigo n’urwanko rw’akazikira n’ubwicanyi n’ubusuma, bagahana amasumu bagategana imitego nk’abanyepolitike, iyo barata ku mambe ngo « urushengero rwa Mpwemu Yera » bokwibaza neza, kuko ivyo Mpwemu yama bizwi. I ruhande yo kwirata ko twahamagawe na Mpwemu rero, vyari bitubereye kuronka ico twirata mu buryo twitavye.
Intumwa rero zarigisha maze zigashinga amahema ahabonetse abigishwa, mw’ihema Imana igahamagaramwo abavugabutumwa, abavugishwa n’abandi. Iyo vyose biba mu kumva neza iyivuga, mu kuyumvira, no mu gukora mu rukundo no gutinya Imana, ingingo zose bikoraniriza hamwe kubaka umubiri wa Kristo ariryo shengero rimwe ry’Imana.
Ariko iyo hamaze kuvuka umuzi w’urwanko n’ishari, n’ubwibone, habaho gukora ikintu kanaka ngo umenyekane canke urute abandi, ubwami bwawe bukaba butanguye. Uko ni ko amadini yaje, n’ama ministeri yose akaza na yo nyene mu mpwemu y’idini. Wagirijwe kuba uriko wubaka idini na Mpwemu akoresha umukozi w’Imana, ukivugira uti: “Oyaye, muntu w’Imana, ivy’ama dini si vyo ndimwo, jewe ndiko nubaka Ministeri”. Ivyo akabivugishwa n’uko impwemu y’idini (kwiyubakira ubwami bwawe) ari ivy’abari mw’ishengero gusa, ntamenye ko vyose ari bimwe, kandi ko Ishengero ryo ari rimwe.
Ikindi, mw’ishengero ry’Imana intumwa yatumwe kwigisha niyo ibatiza. Umuntu wese Imana ishobora gukoresha gushika umwigisha yizere Yesu, yobuzwa n’iki kubatiza? Mbega umuntu yizeye, si Imana iba yashimye kugukoresha ivyo? Bibiriya ntivuga iti: mwigishe mubahindure abigishwa banje, abizera mubabatize? Mbega aho kubatizwa corinda kuba nk’igihambaye c’amareba, kwigisha umuntu yabaswe na Satani akizera Umwami Yesu ni vyo bito? Ariko nk’uko nabivuze, igihambaye ni iki: vyose bikwiye kuba mu rukundo, mu kwumvira Imana, mu gutinya Iyaremye isi n’ijuru, mu rutonde rwa Mpwemu. Si ibintu vyo kuvuga ngo nanje ndirutse kubikora. Muri vyose hakwiye kwubahwa urutonde ishengero ryashize imbere y’Imana, ariko mu gukora urwo rutonde, abakozi b’Imana babijejwe barakwiye kwisunga ico Mpwemu w’Imana ashira imbere kugira ngo Imana ntibabise ngo basigare batamba birorera.
Noneho rero ababihamagariwe babikora nk’abacungura agatwe kabo. Paulo yavuze ati: Ntavuze ubutumwa nopfa. Ntibabikora ngo barushanye abantu mw’i paruwasi nk’aba nyedini basigaye bahayanwa bati : Jewe maze kubatiza abantu 1000 abantu 1600. Vyose bigaruka kuri rino ngo : “Abarongorwa na Mpwemu w’Imana ni bo bana b’Imana”. Ivya zuguru zuguru vyo gusubira muri paruwasi kurondera Pasitori ngo barinde kwandika no kwiga ibice no gutegura “imisi mikuru y’ibatisimu”, ni uburyarya bw’amadini bwo gushira umutima ku birabishswa n’amaso vy’impapuro zerekana ko wamenye (impwemu mbi za teolojiya), uburyarya bwo gusuzuma ko uri umuyoboke mwiza w’idini, umaze kwihwezwa ko utararihemukira mu kwinjirira ahandi; ni n’impwemu mbi yo gufata igikorwa c’impwemu ukakigira ic’umubiri mu kuja kuringaniza mu ntonde z’agahebuza umusi mukuru w’ibatisimu kuri benshi, abayoboke bababone ko mutari abasanzwe, n’uwabatijwe nyene abone ko atari umusi usanzwe, yisope amahera yo kubagira abashitsi no kwambara ibidasanzwe.
Ivyo vyose, ni ibicerereza umugisha w’Imana ukwiye kuza wihuta, uwubatizwa yizeye neza Umwami Yesu, akadwibikwa vuba mu mazi nk’uwukuwe mu munwa w’idubu. Uwubatijwe ashobora guca aza mw’ihema ukoreramwo arongowe gutyo, ariko si vyiza ko umubatizi arwana intambara yo kuzana uwo abatije mw’idini ryiwe ku nguvu kiretse yamubatirije inyungu ziwe bwite. Iyo niyo ngwara iriho, inabuza ko abanyeshengero baza gusemerera kure yaho bakorera kuko boca babura ico bakoresha abo bimbuye. Ariko turakwiye kumenya ko Imana ikunda cane kandi yitayeho ababatijwe kurusha uko uwababatije abakunda. Ntimurwane ishaka ribi rero Paulo yabwiye ab’i Galatiya 4 :17.
Yohani umubatizi, kuko ivyo we yabitegera, abwira ishengero ryari rivuye iwabo rije kubatizwa nawe, ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake buzoza?” (Luka 3:7). Ubatizwa abikora nk’uhunga, kandi koko aba ahunze umwobo w’inzoka. Izo mpwemu z’imisi mikuru rero, bene Data, n’izizigiriza ishengero hanze, biciye mu rwenge rwa Antikristo rwitirirwa “urutonde”, ababikora badatahura.
Ni vyinshi bizohinduka mw’ishengero ry’Imana tutomarira hano. Turabararitse ngo musome neza ijambo ry’Imana munasenga, mumenye neza ico Imana ishaka mukirwanire. Maze mudusengere, tuvuge uko Kristo agomba, namwe mwisengere.
3. Uku gusenga mu kuri no mu mpwemu kwo mw’ishengero rya Kristo, guhereye mu Burundi, kuzokwiragizwa mw’isi n’Abarundi, bikwire mw’isi yose. Uku gukwiragiza ubutumwa bwiza bwa Kristo, dushinga amahema atarimwo uburyarya ariko aganzwa no gusangira mu rukundo, ni wo mugisha wa gatatu w’Abarundi, tukiri mu mugabane w’impwemu. Uko kugororoka mw’ishengero ry’Imana nivyo bizokwirukana ibisigo n’impwemu mbi, ikibi gihunge, amahoro adusage, ubutunzi bugaragara budusange, kuko abakozi bazoba ari intungane, uburyarya, kurementanya, ubusuma, kuraguza, ubwicanyi n’ubugambanyi vyaduhunze, amahanga akatwifuza, akaza gusemberera iwacu, no kudukorera no kudusaba. Tubikorere, mu kwihana.