Ngo murugendo muhore mubwirana amazaburi muzirikana ijambo ry’Isumba vyose

PSAUME 125:1-2
Abizigiye uhoraho bameze nkumusozi siyoni udashobora kunyiganyizwa,ariko wama ushimangiye gushitse ibihe bidashira.

Nk’ukw’imisozi ikikuje yerusalemu uko niko uhoraho akikije abantu biwe uhereye none,ugashitsa ibihe bidashira vyose

ROMAIN 8:31

Bisanzwe uhoraho ari muruhande gwacu uwotugwanya ninde?

Abo twibaza kobovyitayeho kuko aribo bari kubitahura kandi babizi nibo bavyihojeje,abandi ntanico vyababwiye,abandi bavyita amazina,abandi baranezegwa barorera iherezo ryavyo,abandi barabisuzugura,abandi baravyihoza,abandi bibabera inyanduruko yugusakuza,abandi bavuga impanvu yavyo bibagira k’uhoraho imana y’umwami wacu yesu Christo atar’umuntu.

Uzirikane ihamagagwa ryawe kuko iyadutoranije muri Christo Yesu itarobanura kubutoni

Naho vyose vyohagarara,ivyari bikwiriye kungeraho bikabura,naho nyene uhoraho azokomeza kuba Imana yanje na christo umwana wiwe ariwe umwami wanje azokomeza kuba umutabazi wanje.