Agace ka kabiri
.Mu gihe umuntu akoresha maji arenze ku mategeko ya shetani ari i kuzimu ntashobora kwemererwa kugaruka ngaha kw’isi. Shetani aca amuboherayo kuko aca amwaka ubushobozi yamuhaye. Abantu banyika bagendera ku mategeko n’imiziro bahawena RUSIFERI.
Iyo umuntu abirenzeko aca aherayo.
IKIYAGA KININI CANE KIRI I KUZIMU
Ico kiyaga kinini cane nara ciboneye. Maze kucitegereza nagize ntya nza mbona imeri(ubwato) izanye abantu bose bari bambaye ubusa. Bamaze gushika aho iyo meri ihagarara baca barururuka. Amashetani yagenewe kwakira abashitsi yaciye agenda gusanganira abo bantu. Buno nyene baca bambikwa amakanzu yirabura tsiriri. Baciye bajanwa mu biro kwa RUSIFERI . Maze urutabo runini cane rurazingururwa,rwanditsemwo izina ry’umwe umwe wese n’ivyaha yakoze.
Barabibasomera kugira bavyumve babimenye. Umusomyi ahejeje arabaza ati” Ni uko? Si uko wakora?” Nabo bati”
Egome”. Umwanditsi ati” ingo mutere ibikumu”. Bose
bakaza.Abazi kwandika bagasinya,abatabizi bagahabwa irangi ryo gutera igikumu.
IGITABO C’IBIHANO CA SHETANI
Hanyuma mbona ikindi gitabo kizingururwa canditsemwo ingene abantu bakoze. Umwe umwe wese aciribwa igihano gikwiranye n’ivyo yakoze.
Abantu bamererwa nabi cane i kuzimu ni: Abapatiri,Abapasitori, Abakristu bapfuye bapfiriye mu vyaha. Abantu bose bahora
basenga Imana Satani yarabateguriye ahantu habo bonyene.
Imisi yose baguma bakubitwa ijoro n’umurango. Ni ahantu h’amarira menshi cane atagira urugero, kuko Satani mu kubakubita avuga ngo: •
Harya mwasenga mwatuka jewe • Harya mwashinga intahe mwantwara abantu • Harya mwemera Yesu mwihakana jewe none ubu ndageze mu mwanya wanje nanje.
I kuzimu hariyo ibisagara vyinshi cane n’amazu menshi
kuko nk’abasambanyi baja mu gisagara cabo, abasuma,
imborerwa, ababeshi, abarozi, ab’ishari, abanyarusaku, ab’igono, abatukana. Eka uko ivyaha bingana ni ko n’ibisagara bingana. Hariho n’amabarabara yitirirwa ingeso mbi. Akarorero:
Ibarabara no 3:Bwibone •
Ibarabara no 4: Mvugombi…
Naho bimeze bityo,abariyo bose bama mu mibabaro, Satani yama abababaza akanya ku kanya.
I KUZIMU HARIYO IBIRO.
Ibiro bikuru vya RUSIFERI ni inzu nini cane itabona neza. Nta mwijima uriyo
nko mu yandi mazu,kuko hoho hariyo agatara gatoya kabonesha bukebuke. Muri ivyo biro niho handikirwa amazina
y’abanyavyaha. Igihe cose impwemu mbi (abadaimoni)nk’uko
igitigiri c’ivyaha kingana niko nazo zinyuragiranwa
zinjira mu biro gutanga icegeranyo( Rapport) c’ibikorwa ni
ukuvuga abantu zahenze bagakora ivyaha. Izakoze neza
zigahembwa neza kuko daimoni ni abasoda ba RUSIFERI… Ivyo zikoze zongerwa amapete mu gushimirwa.
UTI MBEGA WABONYE RUSIFERI ASA GUTE? AMEZE GUTE Ngiyo inkuru y’imvaho jewe niboneye: •
Ni umuntu asan’abazungu • Afise mu kanwa heza • Afise ubwoya hose •
Uravye mu maso hiwe ni mwiza cane
• Inyuma hiwe afise umurizo muremure cane maze imisi yose akama awuzingiye kuri ya ntebe yiwe mu kwicara.
Ibirenge vyiwe bimeze nk’ibinono vy’impene • Mu mugongo hiwe handitse ngo:
Satani nkuru. Uwo niwe yampaye ubwo bu maji, niwe nagendera kuko yari databuja.
INGENE NATEMBEREYE IKUZIMU IYO ABANYAVYAHA BAJA.
Igihe cose ngiyeyo,namanzagutembera kugira ngo menye ivyabo. Mbere jewe kuko nari mfise ubushobozi buhambaye cane,narashobora gushika kuraba amabanga menshi y’ikuzimu, ku buryo abantu bariko barambona (abapfuye)batangara.Narashitseahantu henshi abandi bakoresha za maji batazi.
Igihe kimwe nariko ndatembera ngize ntya numva abantu bariko barampamagara twahora tuziranye kera. Duca turayaga ndababaza ingene bamererewe, barambarira bati:” Aha turagowe ahubwo gira ningoga ugende Shetani ntahave aza ino akagusangaho, kuko aje asanga hariho umuntu yashitse ino atabanje guca mu rupfu, ntasubira kuja kw’isi kirazira.” Nanje bica bintera ubwoba, birantangaza cane,nca ndababaza nti:”Biva
kuki?” Nabo bati:”Ni uko abantu baca bamenya ingene
abapfanye ivyaha bamerewe ino ikuzimu, kandi hariho umuntu
yitwa Yesu umusi yaje azoduta mu kiyaga caka umuriro twese
na Shetani.” Guhera ubwo uwo musi naciye ntangura gutinya.
Ikindi gihe nkiriko ndatemberayo duca duhwana n’umukobwa
yari yarapfuye twari tuzinanyi. Igihe yapa baramusomeshereje
imisa nyinshi kuko yaramenyekana cane mw’idini
rya gatolika, iwabo hari i BUKAVU. Turaramukanya
arantangarira cane ati:” Mwalimu mbega urashika ino?”
Nanje nti:”Egome kuko ubuzima buragoye”. Nya mukobwa aca anyinjiza mu nzu yiwe afise igitandan’imatara, intebe
n’imeza ariko ntiyanzimanye kuko nabonye i kuzimubatarya,
kuko na jewe naho namarayo ukwezi sinarya kugeza ngarutse
kw’isi. Yambariye ati:” Abantu twese turi ino umusi umwe
Yesu azoza aduterere mu kiyaga caka umuriro hamwe n’abadaimoni bose.