Intahe y’uwahoze ar’umuyisilamu

Agace ka mbere:Ndazi ko ari vyishi! ariko ni bike kuwo Imana ikunda canke wewe ufise mpwemu!

IGISHINGANTAHE (UBUHAMYA) CA PASTEUR M.R NDUGU BIFOKE W’I CONGO.

(YARI RURANGIRANWA MU KUNYIKA MU BURYO BWA MAGIE INTERNATIONALE)

Docteur NABISE yatembereye mu bihugu 35 vya Afrika na za Buraya. Yize

College abandanya Kaminuza y’i Lubumbashi , aronka diploma ya Doctorat muri Philosophie. Yari yarabuze abavyeyi biwe bose afise imyaka10 mu mwakaw’I 1970. Yaciye mw’idini rya Islamu I Bukavu aca yitwa ABDALAH. Kubera yari yarize

baramushimye baca bamurungika kwigaubwenge bwa Koroani kugira ngo abe uwuhambaye..

Ahejeje amashuri yaciye atangura kwigisha I Bujumbura, mu nyuma yagiye I Bugarama mu Rwanda. Yahasanze mugenzi we yavuye muri Libiya yitwa SHEHE ALAHADI IDRISSA, baca baramenyana. Uwo SHEHE yari umurozi akongera akagira n’ivya Magie, akaba n’umupfumu. Kuva

ico gihe BIFOKE yaciye arondera ukuntu yokwatirwa iryo banga ariko kandi abandanya kwigisha mu bwarimu bwiwe. Ico gihe yaciye yitwa SHEHE MWALIMU ABDALAH. Umusi uri izina, ALAHADI aramwatira ibanga ryo gukora ivya Magie ni ukuvuga kumushiramwo amadaimoni azobimukoresha.

INGENE BIFOKE YATIWE.

Umusi umwe uwo ALAHADI IDRISSA YAFASHE isaha y’ibumba aca ayandikako n’irangi ridasanzwe rya shetani, aca abaga inkoko amaraso yayo ayavanga n’amazi yogesheje ikiziga. Yaciye acana umwotsi umota neza urafumba hanyuma ashirako ya sahani , adondagura amajambo menshi , hanyuma akurako ya sahani. Aca asuka vya bintu mu kirahuri arabimpa ndabinywa. Maze kunywa , naciye numva ndiko ndatumwatumwa ni nk’uko noba nikoreye inzu yose. ALAHADI aca ambwira ko ndonse ububasha bwa Magie 23.

Yaciye ampa impeta yari yakuye ikuzimu kwa RUSIFERI. Iyo mpeta yari ihambaye cane kuko hagize uwundi muntu ayikubita ijisho akayibona yaca agwa bukumbi, agapfa adasamvye. Nico gituma iyo ndayambaye naca nibangikanya akandi kantu ko kuyipfuka kugirango ntimare abantu.

IBISHINGANTAHE BIMWE BIMWE

1.Narashobora guhumiriza nkabarira iyo mpeta ngo impe amafranga aya n’aya buno nyene ngaca ndonka inyishu…

2. Narashobora kuba nugariwe ahantu ariko nkanyika bagaca bambonera ahandi.

3.Narashobora kuramutsa umukobwa buno nyene agaca ankurikira imuhira kugeza nshatse ko ataha. Ntiyaharira canke ngo agire ikindi abaza.

4.Narashobora kumenagura ikaziye y’amacupa ngaca nitembagaza muri ivyo bicupacupa bikankebagura umubiri wose nkavirirana amaraso y’inguma . Ngaca nambara ikanzu yanje nakuye ikuzimu kwa shetani ngaca nkira.

5. Narasasa igitambara cirabura nakuye kwa shetani ngaca mponyora kuri ya mpeta

yanje nkadondagura amajambo hagaca

haza imvivyi 6 imwe ipima metero 3. Nibuka igihe

kimwe iyo maji nariko ndayigirira ku kibuga c’ibirori mu

Bubiligi abazungu benshi barahakomerekeye bariko barahunga.

6.Narashobora kuja mu bindi bihugu mu buryo bwa maji, ngashobora no kuguruka mukirerenk’igisiga.

7.Narafata inzembe 60 nkazirya zose nkazimira ngaca nasama mu kanwa hakavayo inzika 60 nininini nyene.

8.Nararaba nk’umuntu atunze cane ngaca ndamushiramwo nk’idaimoni imwe agaca asara.

Iyo daimoni narayitegeka nti naho haza nde ntuze

umuvemwo Atari jewe nyene nkwibwiriye. Nuko rero uwo muntu akivuza hose bikanka ko akira . Haheze imisi nkamera

nkuwitemberezaho, nkababwira ko bampaye amahera menshi

noshobora kumuvura bakayampa akize.Bamaze kuvyemera naca ngenda ngahamagara ya daimoni yanje nti “ naka ingo twitahire” Igaca imuvamwo tugatahana umuntu akize. Kandi nayihamagara mu rurimi abandi batumva. Noneho uwuroga ni we arogora!! IBINDI BITANGAZA

Naramanutse ikuzimu kwa Satani iyo abapfiriye mu vyaha bari.

INGENE NASHOBORA KUJAYO Ni UKU. Kubera ko abari ikuzimu bose bambara amakanzu yirabura, nanje niyo nagiye nambaye,yari yavuye ikuzimu nyene. Nahengera harya mu gicugu ca cane nkagenda mw’itongo ry’abapfuye, nshitseyo ngaca ncana buji (bougie). Kugira ngo ntangure kunyika naca mfata ya mpeta yanje nkayishira hasi ngaheza nkayihonyorako ngaca mpumiriza nkavuga amajambo menshi yo guhamagara Satani( DUWA). Ndangije ngaca mpumurura, ngatora ya mpeta yanje. Buno ngaca nsubira guhumiriza. Muri ico gihe niho naca numva ntanguye kumanuka ikuzimu ahantu haba amashetani hamwe n’abantu bapfiriye mu vyaha. Ariko abo baba ubwoko , amashetani akaba ubwoko. I kuzimu: Ezekiel 32:21, Yesaya 14:9-11, 2Petero 2:4, Ivyakozwe 9:11.

I KUZIMU BABAYO GUTE? BAMEREWE GUTE?

Ntibagwara, ntibapfa,ntibakura, ntibasaza, ntibarongora, nta mwana ari musi y’imyaka 10 abayo. Nta muco uriyo ni umwiza w’umuzitanya. Abantu baho babona bukebuke nko mw’ijoro ritagira ukwezi. Aho niho abanyavyaha bakoranira. Abantu bari ikuzimu barashobora kuraba hejuru nk’uko abari kw’isi babibona hejuru yabo. Ni mu gihugu c’amarira, c’amaganya,n’imibabaro. Abantu bose babayo mu buryo bwa maji(batapfuye)baratandukanye n’abandi, ntibasa.

Abasanzwe babayo ntibashobora kuza ngaha kw’isi ngo bahabe. Ntibishoboka ndetse kirazira ko babonwa n’abakiri kw’isi. Ariko abajayo mu buryo bwa maji , bavirayi igihe bagombeye cose