Umugwi w’umupira w’amaguru wa Zanzibar wakuwe mw’ishirahamwe CAF 

Zanzibar yatswe uburenganzira bwo kuba umunywanyi w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afirika (CAF) kuko iryo zinga ryaronse ubwo burenganzira hatakwirikijwe amategeko.
Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afirika Ahmad yamenyesheje ko Zanzibar ari agace kagize igihugu ca Tanzaniya ko bitaribikenewe ko Zanzibar yemererwa kuba umunywanyi wa CAF agira 55.

Ahmad yavuze ati : “Bemerewe hatakwirikijwe amategeko. Ishirahamwe CAF ntirishobora kwemerera abanywanyi babiri bava mu gihugu kimwe”.

Mwomenya ko Zanzibar ari izinga risanzwe rikukira igihugu ca Tanzaniya ariko ako gace kakaba gafise umugwi w’umupira w’amaguru wigenga wama userukira ako gace mu nkino zama zikinwa mu karere igihugu ca Tanzaniya giherereyemwo.

Uwahora arongoye Caf Issa Hayitou akaba yaheruka kwemerera Zanzibar kuba umunywanyi wa Caf imbere yuko Ahmad arongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afirika.