
Reta y’Uburundi yemera ko hari imice itatu y’Abarundi baba mu mahanga, ababa hanze bivuye ku gushaka kwabo, abari mu mahanga ku mvo z’akazi hamwe n’abandi bagiye bahunga igihugu bitewe n’amakuba Uburundi bwagiye buracamwo. Reta y’Uburundi imenyesha ko ingingo z’ukworohereza aboshaka gutaha zamaze gufatwa.Reta y’Uburundi imenyesha ko uruhara rw’Abarundi baba mu mahanga ari ntangere. « Abo bose ni abana b’Uburundi bazokwama bisanga igihe cose bazokwipfuza gutahuka mu Burundi canke kuharangurira imigambi. »
Mw’iyugururwa kuri uwu wa kabiri ry’indwi yahariwe Abarundi baba hanze, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ariko Abarundi baba mu mahanga bataragera ku rugero rumwe n’abo mu bindi bihugu, mw’irangurwa ry’imigambi y’iterambere mu bihugu vyabo.
« Twizeye ko muri iyi ndwi yahariwe yahariwe Abarundi baba mu mahanga izofasha gushiraho intumbero yotuma abarundi baba hanze bitanga gusumvya uko bahora. »
Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko Abarundi boshaka gutaha gukorera mu Burundi bahawe ikaze, kandi ko Reta izoborohereza mu migambi yabo.
« Ni muri iyo ntumbero Reta y’Uburundi yiyemeje kuja iraronsa amatongo Abarundi baba mu mahanga bavyipfuza kandi bashoboye gushinga amashirahamwe iwabo canke kwubaka uburaro mu Burundi. »
Reta y’Uburundi ivuga kandi ko yakuye amakori ku bikoresho vya nkenerwa umurundi aba hanze yari yatunze, mu gihe yiyemeje kubitahukana mu Burundi, agashobora kuzana ivyo bikoresho atarihishijwe amakori.
Reta y’Uburundi irafise ariko ivyo isaba Abarundi baba hanze.
« Iyo mukwiragiye hirya no hino kw’isi, murama mwibuka ko muri Abarundi. Ntimukigere na rimwe muterwa isoni no kwitwa Abarundi, kuvuga ikirundi canke kugendera imico n’imigenzo vy’Abarundi. »
Gaston SINDIMWO abasaba kwirinda kuvuga nabi Uburundi, babeshuze inkuru zose zityoza Uburundi. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yabasavye kandi kwirinda guhemukira igihugu cabo hamwe n’ukumena ibanga.
Abitavye indwi yahariwe Abarundi baba mu mahanga basabwe kuzokwitaba ihimbazwa ry’umunsi mukuru wahariwe amakomine uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro 2017.
Gaston SINDIMWO ababwira ati : « Kazoba ari akaryo keza ko kwibonera urugero ikomine muvukamwo zigezeko mw’iterambere. Kazoba n’akaryo keza ko kuganira na benewanyu mwasize mu gihugu ku bibazo n’imigambi n’iterambere vya komine zanyu. »
Indwi yahariwe Abarundi baba mu mahanga yatanguye kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya mbere Myandagaro, gushika ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 4 Myandagaro 2017. Iyo ndwi ihimbajwe muri uwu mwaka w’2017 mu kiringo kigira kabiri, ku civugo : « Reta y’Uburundi n’Abarundi baba mu mahanga, tugire urunani nyakuri rw’iterambere ridakumira. »
Japhet Legentil NDAYISHIMIYE aserukira Abarundi baba hanze y’Uburundi avuga ko bagera ku bice bitandatu kw’ijana vy’Abarundi bose, mu mihingo itandukanye y’isi.