Somalia: Umugwanyi akomeye wa Al-Shabab yishwe mu gitero ca Amerika

Abasirikare ba Amerika bahawe ububasha bwo kugaba ibitero ku bagwanyi ba Al-ShababUwufise ububasha kw’isanamuAP
Abasirikare ba Amerika bahawe ububasha bwo kugaba ibitero ku bagwanyi ba Al-Shabab

Ubutegetsi bwa Somalia bwamenyesheje ko umukomanda akomeye wa Al-Shabab yishwe mu gitero cagabwe n’ingabo za Amerika.

Mw’itangazo ryanditswe n’uburongozi bwa gisirikare bwa Amerika bujejwe Afrika, ntibwatangaje izina ry’uwo mugabo yishwe, ariko buvuga ko umugwanyi umwe yishwe hafi ya Tortoroow mu bumanuko bwa Somalia.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru (Abdulrahman Omar) yavuze ko harondegwa umukomanda yitwa Ali Jabal, azwi ko yagavye ibitero hafi y’ibitaro vy’i Mogadishio.

Mu ntango z’uno mwaka, Prezida Trump yahaye igisirikare ca Amerika ububasha bunini bwo gushobora kugaba ibitero, gifashanya n’ingabo ziri muri Somalia.

Publicités