UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO YO KUWA (Gatatu-Gatandatu) 02/08/ NA 05/08/2017.

I. URUFATIRO: 
-« Kwitegurira urugendo rwo kugendana n’Imana » 

II. IMIRONGO YO GUSOMA:

-Zaburi 12:5-6

-Ezekiyeli 12: 1-28

III. ICO MPWEMU YERA YAHISHUYE KANDI YASAVYE ABARI MWIHANGA RY’IMANA 

– Abantu bose biyeze kuko hagiye kuza ibihe bigoye cane muvyo umubiri no muvyo impwemu.

– Mwitandukanye n’imigambwe, imihari n’amasirahamwe kuko birabasamaza maze mushire ivyizigiro vyanyu ku Imana gusa.

– Murondere gusenga mukuri no mu mpwemu maze mukorere IMANA muce mwirabira ibitangaza igira ibakorere.

-Mushireho ibicaniro bitazima vyo gusenga Imana mumiryango iwanyu musengere uburinzi no gutunganywa gose.

IV. IVYO GUSHIKIRIZA UBURONGOZI 

1.Ivyo mpwemu w’Imana azoba yahishuye mumasengesho.

2.Abo mwashoboye kugendera n’agashishiro mwabashiriye.

Muakoze!

Ni dusangwe Imana-Uburundi-Isezerano.

Bigiriwe i Bujumbura ku wa 01/08/2017

abisezerano @gmail.com

http://www.abisezerano.com

Publicités