Rwanda: Paul Kagame yaronse amajwi arenga 98% mu matora y’Urwanda

Intore ziriko ziridagadura mu gihe bari bakirindiriye ko amajwi y’amatora atangazwa.
Ibiharuro nfatakibanza vyavuye mw’iharurwa ry’amajwi yavuye mu matora yo ku munsi wa gatanu mu Rwanda vyerekana ko perezida Paul Kagame ari imbere n’amajwi arenga 98 %.

Abandi ba kandinda babiri bahiganywe, ni Frank Habineza wo mu mugambwe uharanira ibidukikije Green Party, na Philippe Mpayimana umukandida yigenga.

Iyindi migambwe umunani, nta mu kandida yatanze.

Ahubwo yahisemwo gushigikira umukandida wa FPR, Paul Kagame.

Perezida Paul Kagame amaze imyaka 17 ku butegetsi, abamushigikiye bakamushima ko yatsimbataje amahoro mu gihugu, ndetse n’iterambere, inyuma ya jenoside yo mu 1994.

Ariko abamunegura, abenshi bari hanze y’igihugu, bavuga ko arangwa no gutwaza igitugu, gutera ubwoba no gucecekesha abo batavuga rumwe.

Mw’ijambo yashikirije amajwi y’infatakibanza amaze gutangazwa, perezida Paul kagame yiyemeje gukomeza imigambi yo guteza imbere igihugu,

Publicités