Ubuhanuzi ku barundi batoranijwe: Ihanga ry’Imana risubira mu gihugu caryo.

IMISOZI mininiminini izwi cane ibiri umwumwe wose ugizwe n’udusozi twinshi ari yo Elburz (mu Bumanuko bw’Ikiyaga Kasupiyene) be na Zagros (mu Bumanuko bushira Ubuseruko amaja mu Kigobe c’Abarabu) ni yo ikikuje itaba rya Irani h’ubu. Igaburwa n’imyonga minini kandi yimbuka ifise imicamo iteweko ibiti. Muri iyo myonga ntihashushe canke ngo hakanye, ariko ibiyaya bikirurutse, bigadutse kandi bikuburwa n’umuyaga usanga bikanye cane mu rushana. Hafi yaho hari ubugaragwa bwo mw’itaba bubamwo abantu bakebake. Muri ako karere ko mu Buseruko bwa Mezopotamiya ni ho inganji nganzabami y’Abamedi n’Abaperesi yatanguriye.

Abamedi bǎba mu gice co mu Buraruko c’iryo taba, naho mu nyuma bakwiragiye muri Arumeniya n’i Kilikiya. Ariko rero, Abaperesi bǎba mu gice co mu Bumanuko bushira Uburengero bw’iryo taba, mu Buseruko bw’umwonga w’Uruzi Tigiri. Mu gihe c’ubutegetsi bwa Kuro hagati na hagati mu kinjana ca gatandatu B.G.C., ubwo bwami bubiri bwaragiye hamwe bugira intwaro nganzasi y’Abamedi n’Abaperesi.

Kuro yigaruriye Babiloni mu 539 B.G.C. Inganji yiwe yaraguwe amaja mu Buseruko, ishika mu Buhindi. Amaja mu Burengero, hagiyemwo Misiri be na Turukiya y’ubu. Daniyeli yaradondoye mu buryo bukwiriye inganji nganzabami y’Abamedi n’Abaperesi ko ari nk’ “idubu” y’inkakaguzi ‘yariye inyama nyinshi’ (Dn 7:5). Kuro yashinze ubutegetsi bumeze neza, ubutegetsi budatwaza agahotoro. Iyo nganji yayigabuyemwo intara. Intara imwimwe yose yatwarwa na Buramatari, akenshi akaba yari Umuperesi, mugabo munsi yiwe hakurikira umutegetsi w’imvukira. Amahanga yatwarwa n’iyo nganji yaremeshwa kuguma ku karanga kayo no ku madini yayo.

Mu kuguma akurikiza iyo politike yiwe, Kuro yararetse Abayuda baratahuka kugira basubizeho ugusenga kw’ukuri bongere basubire kwubaka Yeruzalemu, nk’uko bivugwa na Ezira be na Nehemiya. Wibaza ko iryo sinzi ry’abantu boba basubiye iwabo baciye muri ya nzira Aburahamu yafata, akadugana Efurate yerekeza i Karikeme(i)shi, canke boba kumbure bafashe akayira ka hafi gaca i Tadumori n’i Damasiko? Bibiliya nta vyo ivuga (Raba urupapuro rwa 6-7.). Mu nyuma, Abayuda baracumbitse kandi mu yindi mihingo y’iyo nganji, nko mu karere k’ishamikiro ry’Uruzi Nili be no mu bibanza biri kure amaja mu Bumanuko. Abayuda batari bake barabandanije kuba i Babiloni, bishoboka ko ari co gituma intumwa Petero yahagendeye haciye ibinjana bitari bike (1Pt 5:13). Si ivy’imbeshere, inganji y’Abamedi n’Abaperesi iri mu vyatumye Abayuda baboneka ahantu henshi mu gihe ca za nganji zakurikira ari yo y’Ubugiriki n’iy’Uburoma.

Abamedi n’Abaperesi bamaze kwigarurira Babiloni, ico gisagara cashuha cane mu ci baciye bakigira ikibanza nyamukuru c’ivy’intwaro. Shushani, uwahora ari umurwa mukuru wa Elamu, cari kimwe mu bisagara vy’abami. Mu nyuma, aho ni ho umwami w’Ubuperesi Ahasuwerusi (Xerxes wa mbere) yabiriye Esiteri yongera atuma umugambi wari wagizwe wo guherengeteza ihanga ry’Imana ryari muri iyo nganji nganzabami nini yose utaranguka. Iyindi mirwa mikuru ibiri y’Abamedi n’Abaperesi yari Akimeta (iyari iherereye ku bukiruruke bw’imetero zirenga 1.900, kandi hakaba haba hameze neza mu ci) be na Pasaragade (hari ku bukiruruke bumwe na Akimeta, nko ku bilometero 650 amaja mu Bumanuko bushira Ubuseruko).

Iyo ntwaro nganzasi yarangiye gute? Hasigaye gato ngo ububasha bwayo burangire, Ubumedi n’Ubuperesi bwarahagurukiye imigumuko Abagiriki bari bateye ku rubibe rwo mu Buraruko bushira Uburengero. Ubugiriki bwaciye bugaburwamwo ibisagara vyigenga vyirwanira, mugabo vyaciye bifashanya kugira bitsinde ingabo z’Abaperesi mu ntambara zikomeye zabereye mu biyaya vya Marato no kw’izinga rya Salamini. Iyo yabaye intango yatumye Ubugiriki bwunze ubumwe bugira ubukuru ku Bumedi n’Ubuperesi.

Abisirayeli bababa 50.000 barongowe na Zerubabeli, baragize urugendo ruri hagati y’ibilometero 800 n’ibilometero 1.600 (bivanye n’inzira bafashe) basubira i Yeruzalemu. Baragize ingorane ihambaye mu vy’ubutunzi. Igihugu cabo cari kimaze imyaka mirongo indwi ari umusaka. Abo bari bahungutse baratanguye gusubizaho ugusenga kw’ukuri, mu gusubira kwubaka igicaniro be no mu gushikanira Yehova ibimazi. Mu gatasi ko mu 537 B.G.C., barahimbaje Umusi Mukuru w’Insago (Yr 25:11; 29:10). Maze, abo bahungutse barashinze umushinge w’inzu y’Imana.
IBITABU VYA BIBILIYA VYO MURI ICO KIRINGO:

Daniyeli

Hagayi

Zekariya

Esiteri

Zaburi (igice)

1 na 2 Ngoma

Ezira

Nehemiya

Malaki

Nuko rero murabo uko abisirayeri bambere basubiye mugihugu iwabo. Nubu Imana yarabatoranirije umwami KURO, ni mwitegure, mwitunganye, mwezwe hanyuma mwumvire uwo Uhoraho Imana yanyu yabarobanuriye inganji yanyu irashitse.