Ukuburirwa kw’intumva, intahaha, n’isema

Hariho abantu bumvise haravuzwe Isezerano barariryoherererwa, bararikunda mugabo ntibaryizera ngo bemere kurikorera.Bumvise hari abo Imana yateye iteka ikabagena ngo babe aribo bashikana ihanga Ry’Imana mu Burundi Bushasha bw’Isezerano (BBI) birabarya, bibanka munda bibabuza amahoro, barabunabuna barara badasinziriye maze basanga ntakundi atari ukuja imigabo mibi.

Bigira inama nkiyo Ananiya na Safira bigiriye baca bamera nka Tobiya na Sanibalati baba akamenyo y’abatwenzi.

Turababazwa nabazimirira mubuzimire kuko ntawundi yobazimurura atari Imana yonyene kuko baba bazimiye kabiri.

Binjiye mu mugambi w’Imana ntibawumenya bibwira ngo binjiye mu mugambwe, mu muhari canke ishirahamwe aho bazokora ivyo impwemu zabo zibatuma. Bahawe amabango ntibamenya yuko ari amabanga ahambaye, bayanjanjwako, bayafata minenengwe maze arabiyaka none bameze nkawa musamazi yasigaranye ikiziriko impene yagiye kera.

Babonye yuko ikinyoma, ubwangushi n’ubujora bwabo bubambitse ubusa, ivyaha vyabo bibitangiye imbere bati twironderere utwo dupfundikanya tutubere udukingirizo. Baca biyambika ibara kurindi, bibaza yuko hari abo bakuye agashambara nayo aribo bikoreye izo bambaye.

1. Bati naka na naka bakorana n’ubutegetsi n’igendereza;

2. Bati naka na naka bakoze ubugambanyi bicisha aba n’aba;

3. Bati naka na naka baraja mugihugu, barishikanye baratanga n’ibikoresho;

4. Bati nana naba naka bafise imigambi yinyegeje inyuma tutazi; 

Bagerageje guhungabanya umugambi w’Imana ngo barahiritse ubutegetsi batashizeho batanazi nuko bwubatswe. Basanga biroshe muruzi badashobora kwoga bahitamwo kunyoronyomba. Aba tubabwira ni ba yuda si nabenshi ni 1.2.3.4.5.6 bagumye bayerera irya nino nkagati kari mumazi. Ntibagira aho bamara kabiri kuko n’amajambo yabo ni nkayo abungere b’ingurube nayo abaragira inka bobo barisonera gahoro. Bikenewe tuzotangaza amazina, amafoto n’imyidondoro yabo banyamateshwa mwirabire uduhabwa.

Ayo matiku yimburakimazi babonye adafashe bigira imigambi yo gusesagura ivyo badafise mukuja kwosha abantu no mukubata murudubi ngo bave mu mugambi w’Imana w’Isezerano baje gufadikanya guteka inkubarujo. Bagerageza gukwiragira aho bashobora, kuvuga, kwandika no gucapa utwo bashobora twose bibata kuwamazi.

Hamwe ngo mubonye inomero za naka muzihagarike ( Kuzi bloka) ahandi ngo nimuhindure inomero canke ngo twebwe ni twebwe twemera Isezerano….. Imikino yabatagira intumbero mubuzima. Impumyi zishaka kurongora ababona umuco. Turababazwa no kubona abantu bata umuryango w’Imana bakaja kuyerera no gusangira n’ingurube nka wamwana w’icangazi. Bibagiye yuko ubundabunda abonwa n’uwuhagaze kandi yuko kwigisha wubakiye ku kinyoma no kuri kameremere kakagwi bisa no gusera muruzi. Aho bukera abarundi bose babaha ibinoko.

Baragiye irya nino badandaza ubwo bugoro none bwabatumukiyeko banukira inzira. Aho kwihana ngo bagaruke muruhongore ubu naho bahisemwo kuba udukoresho twa wa mugwanizi. Ninde yoba agisengera uwutegura kugira ashire mungiro umugambi wo gukoresha amareba ngo ashobore kugangagura abakozi b’Imana! Ninde yogirira impuhwe abantu barondera ngo gutega udutego ngo baronke mwirugu ry’uwasizwe amavuta! Bari mumwiza w’umuzitatanya kandi barabona yuko ivyo bigisha irya n’ino vyose ari impfagusa bari bakwiriye kuva I bizimu bakaja I buntu. Abakozi b’Isumba vyose ntibafatwa n’amareba. Bariko barata umwanya wabo. Iyo umuntu yemereye Satani ngo amurongore aca amutwaza intuntu, akamujana mumahonero amuhenze ngo niho hari amahoro. Umugwanizi araguhenda ngo uri mwibuye kandi uri munsi y’umutoto w’igitoke, akakwosha ngo woshe n’abandi kandi impera ya mwese ari ukwihebura.

Twavuga ntitwavura mugabo mugabo bibwigwa benshi bikumva benevyo. Akataretse kaba kisema!

Ni dusangwe Imana , Uburundi n’Isezerano.