Umugabo azwi kw’izina rya Honoré w’imyaka 45 aba muri zone ya Buterere mu gisagara ca Bujumbura yafashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro, ariko ashurashuza abana b’abahungu babiri. Umwe muri abo bana afise imyaka 11, uwundi imyaka 13.
Ayo makuru yemezwa n’igiporisi avuga ko uwo mugabo yafashwe ariko ashurashuza abo bana b’abahungu ari mu minwe y’inyamiramabi, kugira ashikirizwe ubutungane.
Uwundi mwigeme yafashwe ku nguvu
Ayandi makuru atangwa n’igiporisi avuga umwigeme azwi kw’izina rya SIBOMANA Venansiya w’imyaka 16 aba muri komine Tangara mu ntara ya Ngozi yafashwe ku nguvu ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu n’umusore azwi kw’izina rya NDAYISENGA Jérôme w’imyaka 27.
Mu giporisi mu ntara ya Ngozi bavuga ko uwo mwigeme yafashwe ku nguvu ariko avurirwa ku bitaro vy’i Kiremba, uwagirizwa ico caha nawe akaba apfungiwe mu gasho k’igiporisi muri komine Tangara.