Bujumbura: abantu 168 bafashwe n’igipolisi

Abadandaza umubiri bangana 32 bafatiwe muri zone ya Bwiza no mu gisagara hagati, habatwa n’abantu « biyerereza » 94, abana bo mwibarabara 32 hamwe n’abagore basegerereza bagera kuri 10 bari kumwe n’abana babo. Abo bose bafatiwe mu gikorwa c’igiporisi co kugwanya abantu batuma haba umutekano muke hamwe n’ubugizi bwa nabi mu gisagara ca Bujumbura, nk’uko bivugwa na Petero NKURIKIYE avugira igiporisi.
Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko abo bantu bafashwe bari mu batuma mu gisagara ca Bujumbura haba umutekano muke, hamwe n’ubugizi bwa nabi bwama bwibonekeje.

Petero NKURIKIYE avuga ko abo bana basegerereza bakotwa ku bavyeyi babo mu bigwati biri ku nkengera z’igisagara ca Bujumbura, hamwe no mu ntara zegereye igisagara ca Bujumbura. Amahera yegeranijwe n’abo bana basega bagaca bayagabura n’abavyeyi babo bana.

Ku vyerekeye abagendana ubumuga basegerereza mu gisagara ca Bujumbura, umuvugizi w’igiporisi avuga nabo nyene bakotwa hagati mu gihugu amafaranga ibihumbi 70, bagaca babamanukana mu gisagara ca Bujumbura. Amahera baronse mu gusegerereza akagaburwa hagati y’abakose uwo agendana ubumuga hamwe n’imiryango yabo.

Umuvugizi w’igiporisi atera akamo abantu bose babijejwe ko bohaguruka kugira bagwanye burundu ivyo bikorwa bidashemeye, kuko kenshi abo bafatwa bahanwa abandi bakarungikwa mu ntara zabo, ariko kenshi ugasanga babisubiyemwo. Kubwa NKURIKIYE avugira igiporisi, icerekana ko abafatwa babisubiramwo naho bahanwa, n’uko bama ari babandi nyene.

Publicités