Inyeshamba zo muri Sudani Yepfo zavuze ko abasirikare b’igihugu bafashe umuji wa Pagak uri hafi y’urubibe rwa Ethiopia, wahora ari ikirindiro gikuru cazo.
Abasivile baharugwa mu bihumbi barahunze ako karere, abakora mu bigo vy’ubutabazi nabo nyene barawuvamwo.
Gutakaza umuji wa Pagak bifise ingaruka mbi ku nyeshamba, mu gihe n’indongozi zazo Riek Machar bivugwa ko afunzwe icamaso muri Afrika Yepfo.
Ica kane c’abanyagihugu ba Sudani Yepfo barakuwe mu ngo zabo kubera indyane zatanguye mu 2013, haheze imyaka ibiri gusa igihugu kironse intahe yo kwikukira.