Muyinga : Abana babiri bapfuye bahitanywe na Gerenade 

Abana babiri nibo bitavye Imana bahitwanywe na gerenade yatwe mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 6 Myandagaro 2017,ku musozi Nyamarumba, uri muri zone Munagano, mu ntara ya Muyinga.
Amakuru ava aho mu ntara ya Muyinga amenyesha ko atari irya mbere mu muryango wabo bana baterwa n’abagizi ba nabi, kuko haheze umwaka umwe gusa habaye ikindi gitero, abagikoze bakagenda bishe inka.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano muri zone Munagano bamenyesha ko abateye gerenade batarafatwa , ariko ko amatohoza yatanguye kugira bamenye ababikoze.

Publicités