Cibitoke : Ibiziga bitatu vyatowe mu ruzi Ruhwa 

Ibiziga vy’abantu batatu bitashoboye kumenyekana nivyo vyatowe mu ruzi Ruhwa rugabura igihugu c’Uburundi n’Urwanda mu ntara ya Cibitoke.
Amakuru ava aho mu ntara ya Cibitoke amenyesha ko bimwe muri ivyo biziga vyatowe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 6 Myandagaro 2017, ikindi kiziga gitorwa kuri uno wa mbere igenekerezo rya 7 Myandagaro 2017.

Abajejwe intwaro uri komine Rugombo y’intara ya Cibitoke,baremeza ayo makuru, ariko nabo nyene bakamenyesha ko abo bantu batabamenye.

Abanyagihugu baba ahegereye uruzi Ruhwa bavuga ko batewe amakenga n’ivyo biziga vyatowe,bagasaba ko hoboneka umuco kuri abo bantu batowe ari ibiziga.

Publicités