Uhuru Kenyatta asaba gutora mu mahoro n’umutekano

Umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta
Mw’ijambo umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta yashikirije hasigaye amasaha ngo abakenya baje mu matora, yasubiye gusaba abanyagihugu gutorera mu mahoro n’umutekano, bakiyamiriza ubwicanyi n’uwoshaka kubacamwo imice.

Bwana Kenyatta yagize ati:

« Ntihagire uwitaho cane ivyavuye mu matora, dutegerezwa kuguma turi umwe. Hejuru ya vyose, dukwiye kwirinda abipfuza kudutera ubwoba, tukiyamiriza ubwicanyi n’ico cose kije kuducamwo imice ».

Prezida Kenyatta yasavye abanyagihugu kuja muhira bahejeje gutora.

Yabasavye kurabana ryiza n’ababanyi, bataravye iyo baturuka, ubwoko bwabo, ingene basa canke idini ryabo.

« Umubanyi wawe ni umuvukanyi », niko Bwana Uhuru yavuze.

Asaba ko amatora atotuma umuntu ahindura ingene yabanye n’umubanyi, ko akwiye kubandanya aramukanya, asangira nawe mu kurindira igihe ivyavuye mu matora bishikirizwa.

Abanyagihugu batinya ko amatora yo ku munsi wa kabiri ashobora gutuma haduka ubwicanyi, nk’ubwibonekeje inyuma y’amatora yo mu mwaka wo mu 2007 aho abantu bashika 1300 bishwe, abandi 500000 bakugwa mu vyabo .

Publicités